IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Justice For Burundi : "Haracari icizere ku butungane mpuzamakungu"

Justice For Burundi : "Haracari icizere ku butungane mpuzamakungu"

lundi 30 octobre 2017

Mw’itangazo ryateweko umukono n’abashingwamaza batanu bahutikiye mu runani Justice For Burundi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 30 Gitugutu 2017, bamenyesha ko hamwe n’imiryango y’abasinzikarijwe ubuzima bagifitiye icizere k’ubutungane mpuzamakungu.

Muri iryo tangazo,abashingwamanza bahurikiye mu runani Justice For Burundi bamenyesha ko imiryango y’abasinzikarijwe ubuzima izi neza ko ifise ivyemezo bidashingiye ku majambo gusa canke ku myiyerekano bazoshikiriza ubutungane.

Abo bashingwamanza bamenyesha ko imiryango y’abasinzikarijwe ubuzima yizeye k ubutungane butazotirimuka, kuko ari ikibazo c’ubutungane atari ikibazo ca poritike, bakaba biyemeje kubandanya begeranya ivyemezo ku vyaha bizokorwa inyuma y’ingingo y’Uburundi yo kuva muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu.

Abashingwamaza bamenyesha ko ubutungane aribwo bwonyene bufasha kugira amahoro aboneke kandi n’amabi ahagarare.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.