IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Karusi : Abayoboke 6 ba FNL irongowe na Agathon RWASA bari mu minwe (...)

Karusi : Abayoboke 6 ba FNL irongowe na Agathon RWASA bari mu minwe y’igiporisi

vendredi 24 novembre 2017

Abo banywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA ni NDAYIZIGA Dieudonné, NDIKUMANA Aimé, HAKIZIMA Firoz, NIYONKURU Abdoul, IRAKOZE Jean Claude hamwe na BITANGIMANA Onesime.

Amakuru ava mu mugambwe FNL mu ntara ya Karusi amenyesha ko vyose vyatanguye kw’igenekerezo rya 19 Munyonyo 2017, aho urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rwashamirana n’urwaruka rw’umugambwe FNL, igiporisi gitumwe n’umukuru wa Zone gica gifata bose, ariko hahavuye hapfungwa abanywanyi b’umugambwe FNL bonyene abandi bararekurwa.

Ayo makuru nyene amenyesha ko inyuma y’iminsi itanu bapfunzwe mu gasho ka zone Buhiga, kuwa kane igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017, bahavuye barekurwa, ariko bamaze umwanya muto bidegemvya kuko ku mugoroba nyene bahavuye basubira guhagarikwa n’igiporisi kw’itegeko ry’umukuru wa Zone Buhiga.

Mu burongozi bw’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA mu ntara ya Karusi bamenyesha ko ata kindi abanywanyi babo bariko barazira atari imvo za poritike no kuba ari abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA, kuko bapfunzwe atana dosiye ibagiriza ihari.

Mu mugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Karusi basaba ko abanywanyi babo barekurwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.