Kenya: Abarorerezi b’amatora basaba abanyakenya bose gutekana

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 10 Myandagaro 2017 saa 11:25
Yasomwe : 5499
0 0

Abarorerezi mpuzamakungu b’amatora mu gihugu ca Kenya basaba abantu bose kuguma batekanye mu kurindira ibiharuro ntabanduka vy’ivyavuye mu matora, mu kurindira ko umugwi w’igihugu utegura amatora (IEBC) uheza igikorwa co guharura amajwi.

Abarorezi b’amatora basaba kandi umurwi utegura amatora IEBC kubandanya igikorwa cabo mu muco no mu mwanya utegekanijwe n’ibwirizwa shingiro, kugira ibizoba bitangajwe bize vyemerwe n’abanyakenya bose .

Mw’itangazo basohoye kur’uno wa kane igenekerezo rya 10 myandagaro 2017, abarorerezi mpuzamakungu mu matora yo mu gihugu ca Kenya bamenyesha ko igikorwa co guharura ivyavuye mu matora kibandanya.

Uwo mugwi w’indorerezi mpuzamakungu usaba imigambwe yose hamwe n’abanywayi bayo kubandanya gukwirikirana uko igikorwa co guharura kibandanya mu gihe IEBC iriko iraheraheza guharura ivyavuye mu matora,ugasaba kandi IEBC gukorera mu bwigenge no mu mutekano ukwiye .

Indorerezi mpuzamakungu zisaba abanyagihugu bose kuguma batekanye mu mahoro no mu mutekano ,abarongoye abandi mu migambwe nabo bagasabwa gukoresha imvugo ihumuriza yotuma hataba akaguma.

Abajejwe umutekano nabo basabwa n’indorerezi mpuzamakungu gukingira abanyagihugu hamwe no kudakoresha inguvu.

Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko indorerezi mpuzamakungu zishika 400 ziri ngaho mu gihugu ca Kenya ko zizoguma mu gihugu zikwirikirana uko igikorwa c’ivyavuye mu matora kibandanya kugenda.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha