Kinama : Bamwe mu bahora badandariza mw’isoko baridoga ko batahawe ibibanza mw’isoko nshasha

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 3 janvier 2018 saa 01:14
7470
0 0

Bamwe mu bahoze badandariza mw’isoko yo mu Kinama baridoga ko batisanze ku ntonde z’abaronkejwe ibibanza mw’isoko nshasha iherutse gusubirwamwo,abandi mu bisanze ku ntonde bavuga ko bitazoborohera gutegura ibibanza bahawe bakoresheje ivyuma,mu kiringo c’ukwezi kuko mw’iyi misi hasanzwe hibonekeza ubukene budasanzwe.

Ivyo babishikirije inyuma yaho ejo ku musi wa kabiri igenekererzo rya 2 Nzero 2018,umugwi ujejwe gusubiza abadandaza mu masoko bahoramwo umanitse intonde z’abaronkejwe ibibanza mw’isoko zasubiwemwo.

Umukuru w’isoko yo mu Kinama,Jackson TUYISABA avuga ko ashima igikorwa cakozwe n’umugwi ubijejwe, kuko ata bibazo barumva birimwo ,kiretse abadandaza baheruka kudandandariza mur’iyo soko mu mwaka ya 2010 , 2012,2013 na 2014 baza bavuga ko ari abadandaza, kandi haciye imyaka myinshi batadandaza bitwaje inyandiko za kera.

Jackson TUYISABE avuga ko abo badandaza bo mur’iyo myaka baje guteza ibibazo inyuma yo kubona isoko itunganye.

Ku vyerekeye abadandaza bahora bariha ku gihe amafaranga mu gisagara ca Bujumbura ariko batisanze ku ntonde,Jackson TUYISABE arasigura imvo yatumye batisanga kuri izo ntonde.

’’Itangazo ry’umurwi ujejwe gusubiza abadandaza mu bibanza riratomora neza ko abadandaza bafise ikibazo canke ivyo babaza ,basabwa kwandikira uyo murwi, akavuga ikibazo afise agatanga n’ifishe yiwe bitarenze igenekerezo rya 19 nzero 2018.’’

Umukuru w’isoko yo mu Kinama avuga ko bavuye mur’iyo soko bafise ibibanza 2027 ariko ubu ntavuga neza ibibanza bafise uko bingana inyuma yaho isoko isubiwemwo.

Abahinduriwe ibibanza bagashirwa mu bindi, nk’uwudandaza impuzu yisanze mu bibanza bidandarizwamwo nk’amafi,Jackson TUYISABE aremeza ko umugwi ujejwe gusubiza abadandaza mw’isoko uzotunganya ivyo bibazo ariko babanje kwandikira umurwi ubijejwe.

Bitegekanijwe ko kugira umudandaza yinjire mu kibanza yaronkejwe, azobanza kwerekana ifishe yiwe kandi adaheranye amahera atangwa mu gisagara ca Bujumbura hamwe no kwubaka ivyo bibanza mu vyuma, mu kiringo kitarenze ukwezi kumwe gusa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha