Kirundo: Abayoboke batatu ba Agathon RWASA barekuwe n’ubutungane

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 27 Mukakaro 2017 saa 11:32
Yasomwe : 5319
0 0

Abanywanyi batatu b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA mu ntara ya Kirundo bararekuwe n’ubutungane inyuma y’indwi zibiri bapfunzwe.

Amakuru ava mu begereye umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA, amenyesha ko abo banywanyi batatu barekuwe ata kintu na kimwe kibagiriye kandi barekurwa ata nico basabwe.

Bari bahagaritswe bagirizwa kugirisha inama zitemewe n’amategeko, no kuba mu mirwi ihungabanya umutekano.

Aho mu ntara ya Kirundo abandi banywanyi batanu bayoboka umushingamateka Agathon RWASA baracapfunzwe, nabo nyene bakaba bagirizwa kwitaba inama zidakurikije amategeko.

Mu buraruko bw’igihugu nyene ,mu ntara ya NGOZI abanywanyi 3 bayoboka umushingamateka Agathon RWASA barapfunzwe,amakuru ava mu mugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA avuga ko boba barahohotewe gushika naho bamwe bakomereka.

Imiryango y’abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bapfunzwe mu ntara ya Kirundo, basaba ko ababo borekurwa kuk ata kindi bariko barazira atari kuba bari mu mugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha