Kirundo : Abayoboke batanu ba Agathon RWASA bahagaritswe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 12 Mukakaro 2017 saa 11:04
Yasomwe : 7875
0 0

Abarongozi batanu bo mu mugambwe FNL bayoboka umushingamateka RWASA Agathon mu ntara ya Kirundo bahagaritswe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017. Umuvugizi w’umugambwe FNL Aime MAGERA ariyamiriza iryo hagarikwa, agasaba abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA kuguma bafatanye mu nda.

Abo bahagaritswe ni KARORERO Anatole arongoye urwaruka rw’umugambwe FNL wa Agathon RWASA mu ntara ya Kirundo, NKURIKIYE Salomon arongoye urwaruka muri komine Kirundo, NDUWAYO Ezechiel, NDAYIZEYE Deo ari mu ndongozi z’umugambwe ku rwego rw’intara hamwe na NIYONZIMA Elie arongoye umugambwe muri komine Ntega.

Abicishije mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko uwuserukira umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Yaranda mu ntara ya Kirundo, akoranye n’urwaruka rw’imbonerakure afise uruhara mw’ihagarikwa ry’abanywanyi bayoboka umushingamateka RWASA Agathon mu ntara ya Kirundo.

Aime MAGERA agabisha abafise uruhara mw’ihagarikwa ry’abo banywanyi ko bitebe bitebuke, bazobibazwa, abanywanyi b’umugambwe FNL nabo akabasaba kwirinda agasomborotso.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha