Major Désiré UWAMAHORO abarizwa mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza

Yanditswe na IGIHE
Kuya 12 novembre 2016 saa 11:24
Yasomwe : 123471
0 0

Major Désiré UWAMAHORO yaheruka gukurwa mu burongozi bw’igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti-Emeute) apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza, kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu.
Inyuma y’ukwumvirizwa muri Sentare y’iyungururizo y’i Bujumbura, kuri uwu wa gatanu, Major Désiré UWAMAHORO yajanwe ubutarariye mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza, akaba yagira akwize indwi zibiri apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura, ariko mw’ibanga rikomeye, kuko yaba igiporisi canke (...)

Major Désiré UWAMAHORO yaheruka gukurwa mu burongozi bw’igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti-Emeute) apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza, kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu.

Inyuma y’ukwumvirizwa muri Sentare y’iyungururizo y’i Bujumbura, kuri uwu wa gatanu, Major Désiré UWAMAHORO yajanwe ubutarariye mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza, akaba yagira akwize indwi zibiri apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura, ariko mw’ibanga rikomeye, kuko yaba igiporisi canke igendereza, nta rwego na rumwe rwigeze rwemeza ko iyo ntwazangabo ipfunzwe.

JPEG - 16.7 ko
Major Désiré UWAMAHORO yahora arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko

Izina rya Désiré UWAMAHORO ryagiye riragaruka cane mu vyegeranyo vya ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu ajejwe gukingira agateka ka zina muntu, aho iyo ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi yagumye yagirizwa ubugizi bwa nabi butandukanye bugizwe n’uguhohotera agateka ka zina muntu, ugupfunga abantu, ugufata abantu mu nyuma bagatorwa ibiziga, hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane. Major Désiré UWAMAHORO akaba avugwa kandi ku gitero cakozwe kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2015, ku miduga yarimwo abantu bari bavuye guhamba uwabo mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda. Abantu baharurwa hagati ya 10 na 16 nibo bavugwa ko bagandaguwe n’abaporisi barongowe na Major Désiré UWAMAHORO, mu gihe bari bavuye gushingura uwitavye Imana. Mu giporisi ariko barabeshuje ayo makuru, bavuga ko abajejwe umutekano bivunye uwagira abatere gerenade. Mu giporisi bakavuka ko iyo miduga yari ivuye ku Mpanda yarimwo urwaruka rwitaje ibirwanisho.

Commissaire UWAMAHORO Désiré apfunzwe akurikiranwa ku rubanza rw’amafaranga yari kugurwa inzahabu zivuye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bikavuga ko ayo mafaranga agera ku 150 000 vy’amadorare y’abanyamerika yazimanganiye kuriwe. Ayo mafaranga ni ay’umurwizatunga wo mu gihugu ca Koweit yari yatumweko na UWAMAHORO kugira agure izo nzahabu. Uwo murwizatunga yatanze ayo mafaranga kugira yerekwe izo nzahabu yari aje kugura, amara hafi indwi zitatu ari mw’ihoteri i Bujumbura, arindiriye izo nzahaba, akaba yari acunzwe n’abaporisi bo mu giporisi cari kirongowe na Major UWAMAHORO. yayrindiriye amaso ahera mu nzira, nk’uko abaduhaye aya makuru babimenyesha.

Imbere y’uko atabwa muri yompi akajanwa gupfungirwa mw’igendereza i Bujumbura, Major Désiré UWAMAHORO niwe yari arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti Emeute). Itegeko ry’ukumubogoza rikaba ritatevye gusohoka, akaba yasubirijwe na OPC2 MANARIYO Emmanuel.


Kumenyekanisha

1
Jean Luc Habonimana 2-01-2017 à 10:44

Baramubesheye Major Desile Uwamahoro Kazima Imana Iruta Ingabo Kandi Ntiyibagira Uwayo

2
Bukebuke 23-11-2016 à 21:53

Iyo Bamufungira Mugasho Kamazi
Canke Bamugire Kurya Yagize Aband

Murarondera Na Bakazung
Nabone Amadosiye Yabo Simeza

3
Ndayishimiy biemvenu 18-11-2016 à 20:38

Iyobapfumaba mwica kuko yishebesh.amarasoyabantu arahuma.

4
###### 18-11-2016 à 10:19

ivyo muvyihoze mureke ubutungane bukore murimwebwe ivyabaye haruwubifitiye ubuhamya

5
mahoro 17-11-2016 à 20:47

umwicanyi, umusuma, ngira nubusambanyi, ivyovyose abibamwo kubwigihagararo arimwo

6
###### 17-11-2016 à 12:21

Yakoze iki

7
mahoro 17-11-2016 à 08:19

BASIRIKARE BA POLICI VIBUZIMU MUJE IBUNTU, DEZIRE AFISE AMASHURE ATANDATU (6EMEPRIMAIRE) SUMURONGOZI AKOMEYE. NNE NTIMWOKWIGANZURA MUGASHINGA IGISIRIKARE IGIPOLICI UKAVA KWIPETE RITOYI RYA 2CL UKAZODUZWA GUSHIKA KURYA GENERAL

8
MINANI NICHOLAS 16-11-2016 à 21:00

ABABIJEJWE NI BAKORE ICO BAJEJWE.ABITAMWO NABO BABANDANYE BITAMWO.

9
NICHORA SARKOZY 16-11-2016 à 20:58

ABABIJEJWE NI BAKORE ICO BAJEJWE.ABITAMWO NABO BABANDANYE BITAMWO.

10
JAMARI 16-11-2016 à 11:49

IGIHE.BI GATABO

11
Bibaho 15-11-2016 à 19:17

"TWIRIRIRE TWE N’ABANA BACU !!" :YEZU ATI ! JE NUMVA UWAMAHORO KUVYIZA YAKOREYE ABA DD ADAKWIYE GUFUNGWA ! KWIBA N’IKINDI ? MBONA YAHOWE UBUSA ! MUGA CNDD DD KURUMECA NTA BUROFA !! GUSA NTIMWIBAZEKO AZOMARAYO KA2. BIENTO AZA ARI Lt Gn ! erega yarumukozi, kand umukozi aberwa nimpembo, utamuhemvye ni ngombwa yihembe. "NKA WA MUZUNGU NZIHEMBA"

12
MESSI 14-11-2016 à 12:47

OYA NTAGWO YOBNA KWEL.

13
alia 13-11-2016 à 23:39

iyisi ntisakaye twese twonyagirwa uwamahoro sinumva ukuntu yokwinjira agasho !!! ahubwo ndakugaririka na kazungu baragaba nkurunziza aratanguye gutanga agashimwe impembo yigisizimwe niyo nyene kuko igisizimwe gitanga ivyogifise nuko rero. nimbonerakure ntizibe kure

14
Venant 13-11-2016 à 22:45

Oya gende gahoro twebwe tujejwe umutekano reka akorerwekoo ayo yose muvuga nayamuhe Nkurunziza arakosora kandi bamubohe gose aradutesheje urubwaaa mumakungu kubera twese ubu twitwa abasuma atakuri kurimwo

15
RIYAZIMANA 13-11-2016 à 17:14

NABE ARAFUGWA YUMVE KO AGASHU KARYOSHE OK NTIBAZE BAMUREKURE UWOMWICAYI IMANA IRISHURA BUKE

16
samahoro 13-11-2016 à 14:14

ahubwo nyamba yarishe nibamwic nawe apfe

17
Willy Nyamitwe 13-11-2016 à 11:09

Igihe.bi ko mutatubwiye ko Desire Uwamahoro yiyahuye ?

18
japhet 13-11-2016 à 10:51

none uwamahoro niwe yacumuye gusumbandi arakabona ayamutwaye nn uwomugabo we wumva ataraje kwiba aha muburundi haraho bahay bimba ubwo butare ahubwo nibamurekure yagwanije ugwangara

19
cndd 13-11-2016 à 07:48

Vyose bizobazwa Nkurunziza (ubusuma, ubwicanyi, n ’ ayandi mabi yose y ’ agahomera bunwa vyakozwe kuva atwara). Les mêmes causes provoquent les mêmes effets, àbon entendeur salut.

20
Morodikayi Jon 13-11-2016 à 02:04

Ewe Alexis ,wararwaye ihahamuka ! ndibaza siwewe namaraso yabantu wa gandaguye ya kuvyukiye ! mbesha kwabaturiye imiduga nabantu, kwari mbonerakure bafatanije nigi porisi, igihebariko baraturira ama radio ya bamenyesha makuru gasha. Uwomuhimbiri nawe ngo ni NDUWAMAHORO Dezire,aragapfatabaye uwamaho ninganda yatikije !, sindavyemera uwo numukenyuro wankurunziza ya teguye, bamwe mubihangange vyiwe, biyemeje gukora amabi yose bishobotse bishobotse batabwe mubusho, ejo bazokwereke amakungu yu ko batanguye guhana inkozi zibibi yahora atuma kugandagura abantu. Mbega mwibagiye ako yaramaze gufurwa, akavayo aduzwa amapete ?, rindira umusi azorekurwa niwo musi azocamugira umwishikira wiwe mubiro vyumukuru wi gihugu naho atamashure afise,Emwe rekatubirindire tuzoza turabikurikiranira hafi turabeherezo ryavyo.

1 | 2
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha