IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Major Désiré UWAMAHORO yasabiwe gupfungwa umwaka umwe

Major Désiré UWAMAHORO yasabiwe gupfungwa umwaka umwe

samedi 3 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Major Désiré UWAMAHORO yahora arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko yasabiwe gupfungwa umwaka umwe. Abandi batanu bapfunzwe hamwe bagirizwa icaha kimwe basabiwe umunyororo w’imyaka itanu, ariko bose bakaba kandi basabiwe gutanga amafaranga y’amarundi agera ku muriyoni.

Mu ntahe yabaye kuri uwu wa gatanu muri Sentare ya Bubanza, Major Désiré Uwamahoro na bagenzi we bagirijwe ko banyuruje amafaranga y’amadorare agera ku bihumbi 29, y’umurwizatunga wo mu gihugu ca Syria azwi kw’izina rya Ahmed Kassim Issa. Major Désiré UWAMAHORO akagirizwa ko yari yemereye uwo murwizatunga kumuha inzahabu zivuye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ariko ntiyazitanga.

Uwo aheruka gukurwa mu burongozi bw’igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko ariyamiriza ivyo yagirizwa, akavuga ahubwo ko igikorwa yari yahawe n’abamukurira cari ico gucungera umutekano w’uwo murwizatunga avuga ko yibwe.

Urubanza rw’ingingo sentare izofata kuri ivyo bihano vyasabiwe Major Désiré UWAMAHORO na bagenzi we ruzosomwa kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2017.


IGIHE

Messages

  • Ako s’akamaramaza,uwivye impene canke igitoke afungwa imyaka itanu,uyo wewe yinjiye ku kibuga c’indege y’injira mu ndege ngo umwaka umwe,aho usanga nayo mahera barayamuhebeye naho bavuga make,ewe Burundi waragowe utwagwa n’ibigugu,ibirofa

  • Haaa Ivyikigih Biragoy Pe!

  • Haaa Ivyikigih Biragoy Pe!

  • Ngira ntiyahaye chef nayo ahandiho akora nkabandi ba DD bose bari ku butegetsi.

  • Ndaremye kontumvisemwo ijambo ryuko bobabarashatse kugandagura abantu nogukorana naza mujeri ariko nivyobagirizwa nimbarivyo nibabahane ubutungane bwacu ndabwizeye buzobaha ibihano bibabereye.

  • Nimurekure iyo ntama yemwe aho ntimubona iyi misi amaz adakora akazi ingene abagumutsi bari baduhekuy willy nyamitwe nimumurekure aje kurwanya abagumutsi mbe jacket Bigirimana vugiryanyuma namutama S.E arivumere barekur iyo ntwar yigihugu muzoba mukoze.

  • Emwe Ivyuburundi Nihatarai!!None Karaciye Ingani Habure Abizigigwa Mugihugu C’Uburundi.Uwambere Ngo Manda Yiwe Ntiragera!None Ehe Ayo Tubonye!!!Mana Yacu Garukira Uburundi!Kuko Bugeze Ahatemba.

  • Aho asimba avunika iyo ufuzwe nuwagutumye gukoribibi, uwagutumye kugira ntahinyuke arakubika mwibuye vyanka bishoboka.Ivyo vyashikiye UWAMAHORO bikwiye kubera akarorero beshi bahano muburundi !, ababakuriye muri reta babahenda ngo genda mwice, bakagenda bigerahejuru mukuja gutikiza! abo babatuma nirazima bazobahinduke kuko ntampera yu murozi.

  • Ariko abatavugarumwe n’ubutegetsi n’amakungu bagacafuza Leta y’uburundi ngo ntihana abakozi bayo bakora amakosa, none mushaka ihane n’abatakosheje Ugira uwu si umwe mubari begereye ubutegetsi none ntapfunzwe, nous sommes reellement dans un Etat de droit contrairement a ce que l’opposition diffuse chaque jour.

  • Urwanda..rwaguze Indi ndege shasha yo mubwoko bwa Airbus 330-300, ikaba itwara abantu 274 bose hamwe....bagiye gutagura kuja USA na UK..Chine.. Asia....

  • @Muco bambwirire sha,u Rwanda rugeze kure muri devellopement,nta mwanya rufise mu mwanda w’Abarundi, ngo ruhiga kwica Nyamitwe!!hhhaah,mureke ishari,Ujinga Mzigo

  • Mbe igihano c’umwaka kirahagije kumabi uwo mwicanyi karuhariwe yagirizwa KO mumukurikirana kwivyo vyubusuma naho nyene kuko bazurumanye nabamutuma kuki mutamukurikirana kubantu yakagandaguye niba arikwivyo mwoshaka mukamurekura nuwo mwaka atawumaze kuko murubu Burundi siwe musuma wenyene kuko arafise abamutuma aha mwubu Burundi birazwi ko atabutungane buhari ariko igihe kizogera intahe ifate ijambo naho ivyo murimwo nukudusamaza ababipfa nababisangiye

  • NAKARE NTA UKURI KURANGWA MURI RETA YA NKURUNZIZA NAMANYANGA GUSAAAAA.

  • nagira ndakwishur munt w’Imana issa vyukuri uvze nab umukuru imisiyos yamarukuru ntabwo aba ikirofa ijambo ry’Imana ridutegka kubaha uwowes aganza atwar neza cank nabi ntabubasha ubumufiseko bwokumuvuma ico ugikoze uba wiyish wewe ubwawe mpaririza sha nyamba utanyuzwe wongerez imivumo.

  • esc ncuti kuki désire uwamahoro yoba yarakoze ishano nkiryo? canne kuki yoba ahakana KO atariwe yabikoze?mbegaho tuzoba twemerewe kuja kwumviriza urwo rubanza le 2janv.2017?

  • bagenzi imana ikora ivyayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.