Mpimba: Abataracibwa imanza batsinze abamaze kuzicibwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 28 December 2017 saa 11:33
Yasomwe : 9999
0 0

Mu rukino rwahuje abafungwa bamaze gucibwa urubanza bakinye n’abataracibwa imanza bo mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuruyu wa gatatu itariki 27 za Kigarama, intsinzi yatahukanye abataracibwa imanza biciye muri za penalty 4-1 inyuma y’ukwo iminota yagenewe urukino iheze ari ubusa ku bundi.

Mu ntumbero yo kuba hafi abafungwa, no gusangira nabo Noweri, ishirahamwe «Ntabariza» ryateguye ibikogwa bitari bike.Intambo, utugenegene, abaririmvyi baririmba indirimbo za none, hamwe n’urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje abafungwa bamaze gucibwa imanza (les condamnés), hamwe n’abafungwa bataracibwa imanza (les prévenus).

Jean Marie Nshimirimana, arongoye ishirahamwe «Ntabariza», avuga ko igikorwa bakoze gitanguriye mw’ibohero rya Mpimba ry’I Bujumbura ariko bagiye kubandanya bagendera abandi banyororo bo mugihugu hagati mu ntumbero yo kubaba hafi.Jean Marie Nshimirimana avuga kandi ko mw’ishirahamwe Ntabariza bafasha abanyororo bakabakurikiranira imanza zabo.«ndifuza ko ata munyororo yoguma afunzwe adacibwa urubanza, nk’uwigeze gufungigwa ngaha muri iri bohero imyaka 12, ndazi intimba ziri ngaha.Ndifuza ko atamunyororo yoguma arenganywa».

Urukino rwagiye guhera, abanyororo babiri bahawe uruhushwa rwo gusohoka Mpimba aribo Vanessa Nshimirimana na Claudine Sibomana


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha