Mpimba : Igiporisi casatse mu vyumba vy’abanyororo

Yanditswe na IGIHE
Kuya 17 février 2017 saa 12:21
Yasomwe : 14598
0 0

Igiporisi casatse kuri uwu wa gatanu mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ahatowe ibintu bitandukanye vyafashwe n’igiporisi.
Ivyafatiwe aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba ni inzoga za BRARUDI (ibiyeri/Primus, hamwe na Amstel), ibidaji bigaragara vy’inzoga za BRARUDI, ama terefone ngendanwa 41, urusasu rumwe rw’inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnkov, inzoga zitemewe n’amategeko, urumogi, umupanga, isukari, ifu, hamwe n’imbugita imwe ikoreshwa mu gikoni.
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi (...)

Igiporisi casatse kuri uwu wa gatanu mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ahatowe ibintu bitandukanye vyafashwe n’igiporisi.

Ivyafatiwe aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba ni inzoga za BRARUDI (ibiyeri/Primus, hamwe na Amstel), ibidaji bigaragara vy’inzoga za BRARUDI, ama terefone ngendanwa 41, urusasu rumwe rw’inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnkov, inzoga zitemewe n’amategeko, urumogi, umupanga, isukari, ifu, hamwe n’imbugita imwe ikoreshwa mu gikoni.

Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko bitumvikana ingene ivyo bintu vyinjira kandi amategeko atabirekura. Moise NKURUNZIZA akavuga ko bazokora amatohoza ku bafatanwe ivyo bintu, kugira hamenyekane ingene vyinjiye, ababifisemwo uruhara bahanwe.

Iryo sakwa ribaye inyuma y’iminsi ibiri gusa habaye igikorwa c’ukwimura bamwe mu banyororo bari bapfungiwe muri iryo bohero.

Mu bimuwe harimwo Colonel Dieudonné Dushimagize batazira "Gangi" yungururijwe mw’ibohero ry’i Bubanza kuva kuri uwu wa gatatu, inyuma y’amezi hafi ane apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Iyo ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yagirizwa ko ikorana n’umurwi w’abantu bari mu Rwanda, mu gutegura hamwe n’ugushira mu ngiro ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano w’igihugu, hamwe n’ugutegura igandagurwa rya bamwe mu ndongozi z’Uburundi, hamwe n’ugushaka gukora ubwicanyi (Tentative d’assassinat) kuri Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Abandi banyororo bahinduriwe ibohero kuri uwu wa gatatu, harimwo umwe mu bagirizwa igitero cakozwe kuri General Prime NIYONGABO, umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi, uwo nawe akaba yimuriwe mw’ibohero ry’i Gitega, nk’uko amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba abimenyesha.


Kumenyekanisha

1
Amida 19-02-2017 à 07:40

Ivyo Vyose Nukubesha None Ivyo Vyose Vyovahe ?

2
GILBERT 17-02-2017 à 19:09

AHUBWO NIBAFATE ABARI KUMURYANGO KUKO NIBO BATUMA VYINJIRA KANDI ABO BAGESERA AHUBWO NUKUBAHASHA MWIVUYINYUMA WILY NYAMITWE NIYIRAMBIRE ABO BASI NABO SIBOBAKUREMYE

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha