IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Igiporisi c’Uburundi ntikiramenya ko Léopold HABARUGIRA yafashwe

Igiporisi c’Uburundi ntikiramenya ko Léopold HABARUGIRA yafashwe

mercredi 13 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Petero NKURIKIYE avuga ati : "Igiporisi ntikiramenya ko hari umuntu yitwa Leopold HABARUGIRA yoba yarafashwe ejo, kuko nta rwego rw’igiporisi mu bajejwe gufata abantu baba bagirizwa ivyaha rwamufatiye aho hantu, kandi ntawuraza kubwira igiporisi ko hari umuntu yafatiwe aho hantu.

Léopold Habarugira w’imyaka 54 asanzwe ari umuyoboke wa Hussein Radjabu yigeze kuba ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD yafatiwe muri karitiye ya Mutanga, muri zone Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, kuri uwu wa kabiri.

Nk’uko bivugwa na Libérate Nzitonda, umupfasoni wiwe, yafashwe n’abantu batatu barimwo umwe yambaye impuzu z’igiporisi kandi yari afise inkoho, aca yurizwa ku nguvu mu modoka abo bagabo batatu barimwo. Aho hari mu gihe uwo munywanyi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA hamwe n’umupfasoni wiwe bariko binonora imitsi (Sport).

Umuryango wiwe umenyesha ko gushika mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri ata makuru y’aboba bamufashe bafise, hamwe n’aho yoba apfungiwe.

JPEG - 24.3 ko
HABARUGIRA Léopold, umunywanyi wa UPD ZIGAMIBANGA ayoboka Hussein RADJABU

Mu mwaka uheze, kw’igenekerezo rya mbere Ndamukiza, Léopold Habarugira yarahatswe kugandagurwa n’umuntu yitwaje inkoho yamusanze ku rugo iwe, ashaka kumurasa ariko urusasu ntirwasohoka, nk’uko vyemezwa n’umuryango wiwe.

Mu mugambwe UPD ZIGAMIBANGA bamenyesha ko iryo hagarikwa ari urukurikirane rw’ukuburabuza, ugupfunga hamwe n’ukwica abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe na bamwe mu bamenyeshamakuru.

MUGWENGEZO Chauvineau, umukuru w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA, ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, asaba abajejwe umutekano ko bokora ibishoboka vyose, umuryango wa HABARUGIRA Léopold ukamenya aho ari, kandi akarekurwa atakirinze gusabwa.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ehe raba nk’uyu Léopold ingene yanyurujwe ku mutaga riva n’igendereza, hanyuma ngo mu Burundi nta hohoterwa rya kiremwa muntu ririho, ko ata n’amatohoza akenewe. Uyo ntazosubira kuboneka ko na Nkurikiye yamaze kuvyemeza (gukaraba), kurya nyene bamye bakora. Arahambije ba Jean Bigirimana, Ntasano, n’abandi n’abandi.

  • Nkurikiye arabizi yaco abesha abanyagihugu ngo ntavyo azi,n’igendereza rimufise nimba batamaze kumwica,hama bazongere badedembe ngo mu Burundi hari amahoro, CPI nyaragasa nyaragasa mudufatire ibinywamaraso biri ngaha mu Burundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.