Mukaza: Sentare nkuru yaciriye gupfungwa amezi atatu uwagirizwa gutora kabiri

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 May 2018 saa 05:59
17565
0 0

Sentare Nkuru y’igihugu ya Mukaza yahanishije umunyororo w’impaga umugabo yagirizwa gutora incuro zibiri mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kur’uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Uwo yaciriwe urubanza azwi kw’izina rya HARERIMANA Lambert, yagirijwe icaha co gutora kabiri.

Agnes BANGIRICENGE avugira sentare Ntahinyuzwa, amenyesha ko, HARERIMANA Lambert, yakoreye ico caha, mu kibanza co gutoreramwo kiri i Kiriri, ku kibanza citiriwe Ubumwe.

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko yahanishijwe ico gihano, hisunzwe ingingo y’223 agace c, k’amategeko agenga amatora.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha