Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Abanywanyi b’ishirahamwe PARCEM basabiwe gupfungwa imyaka (...)
Muramvya : Abanywanyi b’ishirahamwe PARCEM basabiwe gupfungwa imyaka 25
vendredi 5 janvier 2018
Mu mwambaro usa n’urwatsi rutoto w’abapfungwa, Emmanuel Nshimirimana, Constat Aimé Gatore na Marius Nizigama barengutse igihe c’isaha zitatu z’agatondo bari kumwe n’uwubunganira muvy’amategeko.
Sentare nkuru y’intara ya Muramvya yabagirije uko ari batatu, gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ariko bobo babihakanye, bavuga ko bahagaritswe mu gihe bariko bategura uruganda rwari guhuza urwaruka rwo mu migambwe itandukanye.

Naho batanze iyo nsiguro, icariho c’umushikirizamanza mu ntara ya Muramvya yabasabiye igihano co gupfungwa imyaka 25.
Bitegekanijwe ko urubanza ruzosomwa kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2018.
Mwomenya urubanza rw’uno munsi rwumvirijwe mu gihe n’umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA yari yarengukishijwe ngo atange umuco, kuri bimwe vyavugwa muri urwo rubanza.
MUGISHA Van Naris
Messages
6 janvier 2018, 00:43, par Rasta
Nihatari