IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kiganda: Umukuru w’ikirindiro c’igiporisi apfunzwe yagirizwa kurya (...)

Kiganda: Umukuru w’ikirindiro c’igiporisi apfunzwe yagirizwa kurya igiturire

jeudi 19 Nzero 2017

Umukuru w’ikirindiro c’igipolisi muri komine Kiganda , mu ntara ya Muramvya yaciriwe gupfungwa imyaka itanu,no kuriha ihadabu y’amafaranga ibihumbi ijana vy’amafaranga y’amarundi, inyuma yo kwagirizwa na sentare idasanzwe irwanya igiturire gukorana n’abakora kandi bakadandaza inzoga zitemewe n’amategeko.

Aimable MURENGERANTWARI arongoye ikirindiro muri Komine Kiganda yarengutse imbere ya sentare kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 18 Nzero 2017, yagirizwa gukorana n’abadandaza inzoga yitwa inguri itemewe n’amategeko.

Uwo yahora arongoye ikirindiro muri komine ya Kiganda amenyesha ko ivyo yagirizwa ari irementanya ariko arakorerwa, inyuma y’icegeranyo ku bijanye n’umutekano yatanze kwa komiseri arongoye igipolisi mu ntara ya Muramvya, abicishije ku buhinga bwa none.

Urubanza rwashizwe mu mwiherero ,ruzosomwa kw’igenekerezo rya 31 Nzero uyu mwaka.


IGIHE

Messages

  • Ako nakarenganyo bamurenganya, kombona aba porisi birirwa barafata abantu babatoza amahera mwibarabara izuba ryaka, uwuyabuze agacaruhukira mumpimba, aho naho abatishwe ubwonyene, none kontarabona mubafata? uyo sibiturire mwamuhoye! harihi vyatabemera nicogituma mwamutaye mugasho, turabazi ukomukora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.