IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Umucamanza yagirizwa kwakira igiturire yasabiwe gupfungwa imyaka (...)

Muramvya : Umucamanza yagirizwa kwakira igiturire yasabiwe gupfungwa imyaka itanu

dimanche 17 juin 2018

Uwo mucamanza wo mu ntara ya Muramvya, yagirijwe gutora amafaranga ibihumbi 100 vy’amarundi kugira azokworohereze umuburanyi mu rubanza rw’amatati y’amatongo.

Uwo mucamanza arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko wewe ayo mafaranga atari igiturire, ahubwo yari intererano mu rubanza bimirije mu muryango rwo kuganduka.

Yaba uwumuburanira canke uwo mucamanza, bose basaba ko uwo mucamanza arekurwa kuko ataco yagirizwa, ahubwo hahanwe uwo nyene gutanga ayo mafaranga.

Bitegekanijwe ko urwo rubanza rusomwa kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.