Muramvya : Umunyororo yagirijwe ko yariko ategura gutoroka

Yanditswe na IGIHE
Kuya 17 novembre 2016 saa 02:15
Yasomwe : 34974
0 0

Abanyororo bo mw’ibohero rikuru ry’i Muramvya bagize yegereyegere yamaze umwanya muto aho mw’ibohero, bakaba bari batewe ishavu n’umunyororo mugenzi wabo bavuga ko yakubaguwe n’abajejwe umutekano. Mu giporisi bavuga ko uwo munyororo yariko agerageza gutoroka.
Intango ya vyose, nk’uko mu giporisi babimenyesha, ni umunyororo azwi kw’izina rya « Démocrate » (azwi cane mu kiganiro KABIZI co kuri RPA, yahora ahamagara kenshi ashikiriza ivyiyumviro) yasavye uruhusha rw’ukuja kwivuza ku bitaro vy’i (...)

Abanyororo bo mw’ibohero rikuru ry’i Muramvya bagize yegereyegere yamaze umwanya muto aho mw’ibohero, bakaba bari batewe ishavu n’umunyororo mugenzi wabo bavuga ko yakubaguwe n’abajejwe umutekano. Mu giporisi bavuga ko uwo munyororo yariko agerageza gutoroka.

Intango ya vyose, nk’uko mu giporisi babimenyesha, ni umunyororo azwi kw’izina rya « Démocrate » (azwi cane mu kiganiro KABIZI co kuri RPA, yahora ahamagara kenshi ashikiriza ivyiyumviro) yasavye uruhusha rw’ukuja kwivuza ku bitaro vy’i Muramvya, ari kumwe n’abandi bapfungwa bane. Bari mu nzira igana kuri ivyo bitaro, umwe mu baporisi bari bacunze abo banyororo yabonye uwo « Démocrate » ariko avugira kuri Terefone, aca yiyumvira ko ariko ategura gutoroka. Uwo muporisi yagerageje kumwaka iyo Terefone, uwo mupfungwa aranka, ari nakwo guca amwambika ipingu (Menottes) yamukomerekeje ku kuboko, nk’uko mu giporisi babivuga.

Abandi banyororo babonye ivyo bikomere ku kuboko kwa « Démocrate » bakaba baciye bagira yegereyegere y’ukwiyamiriza "iryo kubagurwa", mu giporisi bakamenyesha ko bagerageje gusigurira abo banyororo ivyabaye.

« Démocrate » yafashwe ari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


Kumenyekanisha

1
harekuriyo 23-11-2016 à 08:57

none norekurwe ubu amanyama yaraheze

2
DOMI 20-11-2016 à 10:38

DEMOCRTATE ! YAFATIWE MUMIGUMUKO NONE NUBU ARACIYUMVIRA GUTERA AKAGUMA.AAAHAAAA !

3
jean 20-11-2016 à 07:13

abaporisibofataneza abafungwakukonabantunkabo ninkukonabonyeneba shoboragufugwa

4
jean 20-11-2016 à 07:11

abaporisibofataneza abafungwakukonabantunkabo ninkukonabonyeneba shoboragufugwa

5
nyabenda 19-11-2016 à 08:08

Nibamubabarir atahe niyunvira k atazosubira kugumuka kuko nabamutuma bagorewe I buraya mutuzu tumeze nku twinkoko. Nahakur icigwa kuko mutama nkuru nziza yasenz imana namwe musenga kagame hamwe na bazungu , ubu ngirango mwabony imana yishur iyariyo

6
maso 18-11-2016 à 11:29

mbe uyomupollisi, asumya uwamahoro ? ejo birashika nawe akaja aho democrate ari. ba mwiyumvira mwabapolisi mwe.

7
kiki 18-11-2016 à 08:48

ariko abantunkabo muba mukibabikiyiki ? iyo haba kwa polo ngo murabe ivyabakorera

8
kabizi 18-11-2016 à 05:16

bamwimurire mu ruyigi

9
KIRIJANA 17-11-2016 à 20:35

NABE ARAWOTA ABAMWOHEJE NTIBIBEREYE UBURAYA YAGWIRAYIKI UMUCHUNBA ATANGA CHEBUJA GUFA

10
james 17-11-2016 à 16:59

None abamutumye kuja mumigumuko barihe kobataje kumufungura’

11
VYUMVUHORE 17-11-2016 à 16:19

ikinyoma nibemere akabi !!ahatatorotse kare ubu niho yotoroka ?

12
jonas 17-11-2016 à 15:38

eeeeheee.kumbe ? muburundi umunyororo ararekuriwe téléphone ? ambon ! uburenganzira nibwishi ! gusa muraraba namba atakindiyagirizwa arekurwe kuko nibeshi préside nkurunziza yavuzekobarekurwa mubagumutse bararekurwa.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha