Muyinga : Abagirizwa igitero kw’ikambi ya Mukoni banse kuburana

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 novembre 2017 saa 11:09
16860
0 0

Abagirizwa kugira igitero kw’ikambi yo ku Mukoni mu ntara ya Muyinga barengutse kur’uyu wa kane igenekerezo rya23 Munyonyo 2017, ariko bonse baranse kuburana bavuga ko hari n’abandi basangiye urubanza bambitswe izera ariko bagipfunzwe.

Naho bari barengutse bose imbere ya sentare, abo bagirizwa kugira igitero kw’ikambi y’abasirikare ku Mukoni baranse kuburana bamenyesha ko ata cizere ko urubanza ruzocirwa ruzoja mu ngiro, kuko no ku bandi babiri barekuwe rutaraja mu ngiro.

Abo bapfunzwe banse kuburana bavuga ko badashobora kuburana kuko sentare ihonyanga amategeko kandi iyazi.

Ababuranira abo bagirizwa igitero kw’ikambi ya Mukoni basavye irindi sango kugira babanze babonane nabo baburanira, mu ntumbero yo gutegura neza urubanza.

Sentare yaciye irushira kuwa mbere igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017, aho naho rukazoca ruburanishwa mw’ido n’ido.

Ico gitero cabaye kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha