Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muyinga : Abakenyezi bagize imyiyerekano basaba ifatwa ry’uwagirizwa (...)
Muyinga : Abakenyezi bagize imyiyerekano basaba ifatwa ry’uwagirizwa gushurashuza ku nguvu abakobwa
lundi 20 novembre 2017
Bitwaje ivyandiko vyanditseko ngo : ’’Twereke Afizi aho ari’’ ibindi vyanditseko ngo :’’ Turiyamirije ubucamanza burekura inkozi z’ibibi’’, ’’Turiyamirije irekurwa ry’inkozi y’ikibi Afizi’’,’’Turiyamirije ifatwa ku nguvu ry’abana b’abigeme i Muyinga’’,abo bakenyezi vyaboneka ko bababajwe no kubona uwo Afizi na Sandrine bararekuwe kandi bafatanywe itonga.
Amakuru ava ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga, amenyesha ko Afizi yoba afise amamuko mu gihugu c’Ubuhindi yavuzwe kenshi yagirizwa gufata abana bakiri bato b’imyaka iri hagati ya 12 na 14 ku nguvu, akabajana muhira iwe aho yabikorera, abifashijwemwo mbere n’umukenyezi wiwe.
Ayo makuru nyene amenyesha ko icababaje abo bakenyezi ari irekurwa rya Afizi na Sandrine, ata n’iminsi bari bamaze mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muyinga, kandi bose bari bafatanywe itonga.

Naho nyene abo bakenyezi batemerewe gushika ahakorera Parake y’intara ya Muyinga kuko hari hacunzwe cane, bashoboye gushika hafi y’ahakorera Buramatarai w’intara ya Muyinga.
Amakuru dukesha umwe mu bakenyezi bari bitavye iyo myiyerekano, avuga ko Buramatari w’intara ya Muyinga Aline MANIRABARUSHA yahavuye ashika aho abo bakenyezi bari bahagaze, aca abasaba gutekana, yongera arabahumuriza ko bagiye gukora ibishoboka vyose kugira abo barekuwe basubire gufatwa.
Ku ruhande rw’abo bakenyezi bavuga ariko ko bafise amakenga kuko bafise amakuru ko uwo Afizi ashobora kuba yaramaze guhungira mu gihugu ca Tanzaniya ku mvo zo gutinya ko yosubira guhagarikwa.

Abo bakenyezi bagasaba ko yaba Afizi canke uwo mwigeme Sandrine bosubira gushikirizwa ubutungane.
Mwomenya ko ata minsi myinshi iheze hari abana b’abigeme babiri batowe bitavye Imana ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga, abo bana bikaba bivugwa ko boba bishwe bahejeje gufatwa ku nguvu.


MUGISHA Van Naris