Muyinga : Umukuru w’umugambwe Frodebu Nyakuri i Butihinda ari mu minwe y’igiporisi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 20 novembre 2017 saa 11:20
11310
0 0

Umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri muri komine Butihinda intara ya Muyinga, ari mu minwe y’igiporisi kuva ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 18 Munyonyo 2017.Yagirizwa kuba yaratyoje umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Amakuru ava mu ntara ya Muyinga amenyesha ko Balthazar MISAGO yahagaritswe nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’umugoroba ,ari mu bunywero bwitwa Ku Kayaga ,buri ku mutumba Kamaramagambo, muri komine Butihinda, intara ya Muyinga.

Mu mugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri baremeza ayo makuru y’ihagarikwa ry’umunywanyi wabo, ariko bakamenyesha ko bakiriko baratohoza kugira bamenye neza icatumye ahagarikwa.

Umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Kefa NIBIZI ati : ‘’Ayo makuru turayazi, ariko turacariko turatohoza.’’

Balthazar MISAGO ubu akaba apfungiwe mu giporisi muri komine Butihinda.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha