Mwaro : Uwishe nyina n’uwo bavukana yaciriwe urubanza

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Ruheshi 2017 saa 04:28
Yasomwe : 5481
0 0

Sentare nkuru y’intara ya Muyinga yaciriye kuri uwu wa gatatu umunyororo w’ugupfungwa imyaka 25 umugabo azwi kw’izina rya NDIMURWANKO Gervais yagirijwe icaha c’ukwica abantu bo mu muryango wiwe. Uwo mugabo yari yagandaguye kuri uwu wa kabiri nyina wiwe hamwe na mwenewabo.

Umukenyezi umwe n’umuhungu wiwe azwi kw’izina rya Mertus nibo bishwe bagandaguwe ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017, ku mutumba Butazi, Komine Ndava y’intara ya Mwaro.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko NDIMURWANKO Gervais w’imyaka 41 yishe nyina hamwe na mwenewabo, akoresheje umuhini w’isuka.

Mu giporisi bavuga ko uwo mugabo yishe abo bantu abagiriza ko bamurogeye umugore wiwe yitavye Imana kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2017.

Ubutungane bukaba bwamuciriye umunyororo w’imyaka 25.


Kumenyekanisha

1
Ntakiyiruta 19-07-2017 à 20:11

Iyo Myaka Ko Ari Mike!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha