Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi: Abarenga 300 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu
Ngozi: Abarenga 300 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu
jeudi 2 Ruhuhuma 2017
Abanyororo 323 nibo barekuwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ngozi,inyuma y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu.
Abarekuwe ni abamaze guciribwa imanza bahanishijwe igihano co gupfungwa imyaka itanu canke iri munsi yayo,abagore bafise imbanyi,abonsa,abapfunzwe bafise imyaka irenga 60,ibimuga hamwe n’abarwaye indwara zo mu mutwe.
Nkuko bishikirizwa na Scholastique Nahimana arongoye ibohero ry’abakenyezi,muri abo barekuwe harimwo abakenyezi 20 hamwe n’abana batatu batarakwiza imyaka 18,ariko bose bakiri aho kubera ata bury bwo kwiyunguruza.
Kubwa Aloys Habonimana arongoye ibhero ry’abagabo,irekurwa ry’abo bapfungwa rije kugabanya abahora bahapfungiwe kandi bizotuma igikrwa co gukuirikirana abapfunzwe coroha ubuzima bwabo bwongere bukurikiranwe neza.
Ibohero rya Ngozi ryarimwo abapfungwa 1453 mu gihe ryategerezwa kwakira abapfungwa 400 gusa.
IGIHE
Messages
2 Ruhuhuma 2017, 18:55, par Havyarimana Patrick
Nibabareke Kumbure Bazokwisubirako
3 Ruhuhuma 2017, 21:37, par Niyonzima
Bihanure Ntibazo Subire
3 Ruhuhuma 2017, 22:03, par Havyarimana Patrick
Haraho Bokwisubirako