IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi: Abarenga 300 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu

Ngozi: Abarenga 300 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu

jeudi 2 Ruhuhuma 2017

Abanyororo 323 nibo barekuwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ngozi,inyuma y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu.

Abarekuwe ni abamaze guciribwa imanza bahanishijwe igihano co gupfungwa imyaka itanu canke iri munsi yayo,abagore bafise imbanyi,abonsa,abapfunzwe bafise imyaka irenga 60,ibimuga hamwe n’abarwaye indwara zo mu mutwe.

Nkuko bishikirizwa na Scholastique Nahimana arongoye ibohero ry’abakenyezi,muri abo barekuwe harimwo abakenyezi 20 hamwe n’abana batatu batarakwiza imyaka 18,ariko bose bakiri aho kubera ata bury bwo kwiyunguruza.

Kubwa Aloys Habonimana arongoye ibhero ry’abagabo,irekurwa ry’abo bapfungwa rije kugabanya abahora bahapfungiwe kandi bizotuma igikrwa co gukuirikirana abapfunzwe coroha ubuzima bwabo bwongere bukurikiranwe neza.

Ibohero rya Ngozi ryarimwo abapfungwa 1453 mu gihe ryategerezwa kwakira abapfungwa 400 gusa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.