Ngozi : Abasirikare n’abaporisi 7 basabiwe gupfungwa ubuzima bwose

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 12 juin 2018 saa 09:29
29100
0 0

Abasirikare n’abaporisi 18 bagirizwa gushaka guhungabanya inzego za Reta no gukorana n’imirwi y’abarwanyi, hamwe no gutunga ibirwanisho batabifitiye uruhusha, bararengutse muri sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura, aho yasasa kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018, mu ntara ya Ngozi. 7 muri bo basabiwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Abo basirikare n’abaporisi bahagaritswe mu bice bitandukanye vy’igihugu mu mwaka wa 2016, ariko benshi muri bo bafatiwe mu gisagara ca Bujumbura, imbere y’uko bajanwa gupfungirwa mw’ibohero rya Ngozi.

Amakuru dukesha umumenyeshamakuru wa Radiyo Isanganiro akorera mu ntara zo mu Buraruko bw’Uburundi yari ahariko habera urwo rubanza, amenyesha ko abo basirikare n’abaporisi bavuze ko bagifatwa bahohotewe kugira bemere ivyo batazi, ari naco catumye bahakana ivyegeranyo vy’amatohoza ya mbere.

Ayo makuru amenyesha kandi ko, abo basirikare n’abaporisi uko ari 18, bavuze ko ataco bagira, kuko ivyo bemeye mu matohoza ya mbere, bavyemejwe ku nguvu.

Bamaze kwumvirizwa, hakumvirizwa kandi n’uwaserukiye Reta muri urwo rubanza, 7 muri abo basirikare n’abaporisi basabiwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose, uwaserukiye Reta yasavye sentare ko 11 basigaye yoraba yonyene igihano yobaha.

Vyitezwe ko urubanza ruzosomwa inyuma y’ukwezi.


Kumenyekanisha

1
Nkurikiye 12-06-2018 à 14:48

We Busurahende Ahaho Ntaciyumviro Uhatangira Kubijanye Nicogihano Abo Benewanyu Basabiwe ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha