Ngozi : Umugabo yagirizwa gusambana n’umukobwa wiwe yaciriwe gupfungwa ubuzima bwose

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 mars 2018 saa 08:47
Yasomwe :
0 0

Sentare Nkuru y’intara ya Ngozi yaciriye gupfungwa ubuzima bwiwe bwose Evariste MINANI yagirizwa gushurashuza umukobwa wiwe Evelyne HABONIMANA, uwo nawe aciribwa gupfungwa umwaka umwe n’amezi atandatu.

Mu rubanza rwabaye kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018, sentare nkuru ya Ngozi yagirije Evariste MINANI ivyaha bitatu, arivyo kugoka ku kizira mu gusambanya abana biwe, gusambanya abana biwe batatu ku nguvu, gufata bunyamaswa abana biwe.

Evariste MINANI, ariyemerera kuryamana n’umukobwa wiweEvelyne HABONIMANA w’imyaka 21,ariko ko baba bavyumvikanye, ibindi vyaha yagirizwa ariko ,arabihakana.

Hejuru y’ugupfungwa, Evariste MINANI yahawe ibindi bihano, birimwo gutakaza ububasha bw’ubuvyeyi ku bana biwe , gutakaza amateka y’ubwenegihugu agenga abantu n’ivyabo , hamwe n’ayagenga imiryango.

Evariste MINANI yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018, ariko asambana n’umwana wiwe w’umukobwa HABONIMANA Evelyne.


Kumenyekanisha

1
Niyonkuru Ferdinand 4-04-2018 à 23:11

Nta Se Wuwo Mukobwa Nta Uwo Mukobwa Bose N’abasazi. Kubona Barubahukanye Bosi Ahubwo Barasara.

2
NTABANGANYIMANA INNO CENT 2-04-2018 à 09:49

Yoyoyo !!karabayenoneho isi iraduheranye ahobatanguye kwikoramunda gerageze murabenoneho ntahave atoroka agarutse nabasigaye aca abamariza kubwanje yarikwicwa nuko imanayahezagiye uburundi nabarundi jewe ndateye ivyatsi idyobara uwomwana nawe nibakurikirane ubuzimabwiwe ntibusinzikare

3
Havyarimana pagdas 30-03-2018 à 07:57

None uwo yagirizwa iki ?azira umwuga wiw ?

4
Niyomukiza Valentin 27-03-2018 à 09:08

ukuruw.igihugu cacu c .uburundi aragahor kungoma imana imuje imber

5
Wassely 25-03-2018 à 21:42

Ahubwo Bari Bakwiye Gupfunga Uwo Mukobwa Bakarekura Se Mbe We Ntabandi Bagabo Yabona Mukurinda Yibangurira Kuri Se Nibo Batumye Uburundi Buvumwa Abakobwa Nkabo Mbona Bakwiye Kubakosora

6
Emmanuel 25-03-2018 à 12:25

ego nivyo kurico gihano kuko subwamcere abikoze kuko nuwo kumutumba iwacu.

7
Famy 24-03-2018 à 21:53

Yatay Akarang Kabagab !

8
Byamungu Sadiki 23-03-2018 à 17:07

non ico gihemu ntamugore cari gifise ?

9
Jean Boscos Nshimirimana 23-03-2018 à 16:38

Amakuru Muburundi Iwacu

10
Daniella 22-03-2018 à 20:30

Ico,gihano,niciza,ndashimiye,sentare,nkuru,ya,Ngozi.Mugabo,sentare,yibagiye,amande,ihadabu,ikindi,nibamutembereze,amako,mine,yose,agize,ihugu,tubone,ico,kimenabanga,nino,iBUKEMBA,Muri,SOSUMO,tumubone.

11
eric 22-03-2018 à 10:10

ibivingozi bimwebimwe namahano kubarundi mugasivyose

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha