Ngozi : Umurwi w’abagirizwa igitero mw’ikambi y’abasirikare ku Mukoni wasubiriye kwumvirizwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 27 octobre 2017 saa 08:31
Yasomwe : 7173
0 0

Umurwi wa mbere w’abagirizwa kugira igitero mw’ikambi y’abasirikare yo ku Mukoni mu ntara ya Muyinga, wararengutse ku ncuro ya mbere imbere ya sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Ngozi kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017. Bose basaba ko ivyegeranyo vyakozwe bagifatwa bitohabwa agaciro, kuko hari ivyo bemeye kuko bahohotewe.

Abarengutse bose ni 18, bagizwe n’abasirikare, abaporisi hamwe n’abanyagihugu barimwo abasubijwe mu buzima busanzwe, bakaba bagirizwa igitero cabaye mw’ikambi y’abasirikare mu kwezi kwa mbere umwaka wa 2017.

Abagirizwa basavye ko umushikirizamanza atosasa muri urwo rubanza kuko igihe bafatwa mu ntara ya Muyinga uwo mushikirizamanza ariwe yatwara urwego rw’igendereza mu ntara ya Muyinga, akaba kandi ari mu bababaza.

Yisigura ku vyashikirijwe n’abagirizwa, umushikirizamanza yavuze ko atari vyo ahubwo ari uburyo bwo kugira bacuvye sentare, no guha iyindi ntumbero urubanza.

Bitegekanijwe ko sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Ngozi izovuga uko urubanza rubandanya kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017.

Ico gitero cakozwe mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2017.


Kumenyekanisha

1
Caratuvunye 27-10-2017 à 11:02

DD n’Imboness nibo babigize ivyo birazwi,iryo n’Iremenkanya,rekura intama z’Imana

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha