OLUCOME isaba ko ikiringo co kutariha ikori ku bidandazwa vya nkenerwa congerezwa

Yanditswe na
Kuya 18 Rusama 2017 saa 09:45
Yasomwe : 5805
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME risaba Inama nshingamateka gufasha kugira ikiringo co kutariha ikori ku bidandazwa vya nkenerwa congerezwe gushika ku mwaka.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama,umwaka wa 2017, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ikiringo congerejwe vyofasha vy’ukuri kurwanya inzara no gufungura nabi.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko hoba habaye akarenganyo mu gihe, abadandaza bosaba kwishurwa amakori barishe mu gihe itegeko ryari ryamaze gushirwako umukono ariko ritaraja mu ngiro, kandi abanyagihugu ata karusho barikuyemwo.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME risaba inama nshingamateka na nkenguzamateka gukurikiranira hafi ko ibidandazwa vyakuweko amakori biriko biragurishwa, kandi ko ata bikika mu kiza ngo ubutunzi bw’igihugu bunyuruzwe.

Mw’itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 12 Rusama,umwaka wa 2017 rishira ahabona ibidandazwa bitandatu bitarihishwa ikori kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza, gushika kurya 27 Mukakaro,umwaka wa 2017.

Ivyo bidandazwa ni ibiharage, ibigori vyumye, umuceri, ifu y’ibigori, ifu y’imyumbati, hamwe n’imyumbati.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha