IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > OLUCOME isaba umuco mw’itangwa ry’uburenganzira bwo kwimba ubutare

OLUCOME isaba umuco mw’itangwa ry’uburenganzira bwo kwimba ubutare

mercredi 15 novembre 2017

Nkuko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017, ryateweko umukono n’umukuru waryo Gabriel RUFYIRI,iryo shirahamwe rifise amakenga ku masezerano atangwa yo kwimba ubutare, ariko ntihagire ico vyongereza mu mafaranga yinjira mu kigega ca Reta.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko igisata c’umutare giterera ku rugero ruto mu butunzi bw’igihugu, kuko cinjiza igice kimwe gusa kw’ijana, mu gihe mu mugambi wa Reta wo kurwanya ubukene igice ca kabiri (CSLP II) vyari bitegekanijwe ko ico gisata giterera gushika ku bice 30 kw’ijana.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel RUFYIRI, arongoye ishirahamwe OLUCOME

Mu ntumbero yo gutuma igisata c’ubutare gifasha biboneka mw’iterambere ry’igihugu,Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta kwikora ku bahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,ab’ikigo mpuzamakungu kiraba ivy’ubutare ITIE, ishirahamwe Global Business hamwe n’abo Ibanki y’Isi n’abandi, kugira bafashe mu bushakashatsi bukenewe.

Ishirahamwe OLUCOME risaba kandi Reta ko yoshira k’umugaragaro ihamagarwa ry’abahiganirwa isoko ryo gucukura ubutare kandi bikaba mu muco,hagashingwa kandi umurwi w’igihugu wigenga ujejwe kugenzura igisata c’ubututare.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.