PARCEM isaba ko amategeko ajanye n’ivyo umuntu arekuriwe yigishwa

Yanditswe na Bikorimana Vianney
Kuya 26 April 2018 saa 04:16
4530
0 0

Ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM risaba ko amategeko ajanye n’uburenganzira bw’umunyagihugu hamwe n’ivyo abajejwe intwaro barekuriwe gukora vyigishwa kugira bifashe mu gutsimbataza intwaro ibereye mu vya poritike, intwaro rusangi, ivy’ageteka ka zina muntu hamwe no gutsimbataza umutekano.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2018, umukuru w’ishirahamwe PARCEM ,Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko mu cegeranyo bakoze c’amezi 3 aheze basanze igisata kijanye n’intwaro rusangi agateka ka zina muntu, ivya poritike hamwe n’ivy’umutekano bitera bigabanuka kuko hacibonekeza abicana ku mvo z’amatongo, imvura ziguye zihitana abantu, amasanganya mu mabarabara, hamwe n’abana bapfa bivuye ku ntsinga z’umuyagankuba.

Muri Parcem bavuga ko ivyo vyose bishika kubera ugusamara. Faustin NDIKUMANA yavuze ko intwaro rusangi ari ikintu gihambaye mu gihugu kugira ibintu vyose bitere imbere kuko aho intwaro rusangi itsimbataye ingorane zijanye na poritike umutekano n’agateka ka zina muntu bigabanuka cane.

Uwo arongoye PARCEM yavuze ko intwaro rusangi itsimbataye, igihugu kigira ku mategeko muri ico gihe, ko ata muntu aja hejuru yayo yaba umunyagihugu canke umutegetsi wo hejuru kuko aca akingira agateka k’abanyagihugu.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko zimwe mu mvo zituma ico gisata kidatera imbere ari uko hari abajejwe intwaro usanga batazi amategeko, ukudahana biguma vy’ibonekeza, ukutihanganiranira muvya poritike hamwe n’itandukaniro ritariho hagati y’igiporisi gisanzwe n’urwego rujejwe igendereza ku bintu bijanye no guhagarika umuntu hamwe n’inzego zijejwe umutekano zategerezwa kwigenga ariko ugasanga rimwe na rimwe ziriko zikorana n’urwaruka rw’imigambwe.

Faustin NDIKUMANA atera akamo ko bikwiye ko amategeko akingira abanyagihugu aza arigishwa, abejejwe intwaro nabo bakamenya ko hari ivyo barekuriwe n’ivyo batarekuriwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha