IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Petero NKURUNZIZA yagizwe "Imboneza yamaho" mu mugambwe CNDD (...)

Petero NKURUNZIZA yagizwe "Imboneza yamaho" mu mugambwe CNDD FDD

lundi 12 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Muri iyo nama, Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe mfura y’uwo mugambwe.

"Mu mugambwe CNDD FDD nta n’umwe ashobora kumwigereranya. Niwe mfura yacu, niwe muvyeyi, niwe aduhanura. Nico gituma nsaba Abagumyabanga bose ko iyo ngingo boyubahriza, kuko urugo rutagira umugabo ntakitarukengera. Twebwe turafise imfura."

Abo bagize Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD bemeje kandi izindi ngingo bavuga ko zikomeye, kandi zibereye zizotuma bashika kw’ihangiro ryo guteza imbere Uburundi.

Izo nazo zijanye no gukomeza inama nshingiro, gukurikirana ibikorwa n’inyifato vy’abagumyabanga n’indongozi, gushira mu ngiro imigabo n’imigambi vy’Umugambwe CNDD-FDD, gushigikira Intwaro ibereye no kwegereza ubutegetsi abenegihugu, gushira mu ngiro akarangamutima k’umugambwe mu guteza imbere igihugu hisunzwe ingingo ngenderwako Iterambere rikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamugarukako, gutsimbataza no kunagura imigambi iteza imbere abenegihugu mu bisata binyuranye vy’iterambere ry’Igihugu.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.