Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubudandaji
REGIDESO ivuga ko umuyagankuba wayo wose utaronka isoko
Yanditswe taliki ya 24-01-2018 - isaha 11:12'

Umukuru w’ishirahamwe REGIDESO,Jeroboam NZIKOBANYANKA amenyesha ko bongereje umuyagankuba bivuye ku myidogo y’abakoresha umuyagankuba bavuga ko utaboneka ku rugero rukwiye.

Umukuru w’ishirahamwe REGIDESO avuga ko ubu bategekanije umuyagankuba ukwiye, ariko agasaba abafise amahinguriro akoresha umuyagankuba mwinshi, kuwukoresha amasaha 24 kuri 24.

Naho mw’ishirahamwe REGIDESO basaba ko umuyagankuba batanga ukoreshwa umwanya wose n’amashirahamwe, ayo mashirahamwe asigura ko hakiri intambamyi zituma badashobora gukora amasaha 24 kuri 24.

Amashirahamwe akoresha umuyagankuba mwinshi, asigura akoze amasaha 24 kuri 24 yoronka umwimbu mwinshi, mu nyuma bagaca bahura n’ikibazo co kubura isoko.

Ishirahamwe REGIDESO ryongereje megawate 30 z’umuyagankuba kuwo yahora itanga kuva mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka uheze wa 2017,ahenshi mu gisagara ca Bujumbura ukoreshwa kuva igihe c’isaha cumi na zibiri z’ agatondo gushika isaha zitandatu z’ijoro.

Ivyiyumviro vyanyu

abakiriye muri nabo ahubwo nimudushikanire amatara ngaha mukibira iwacu

30.01.2018 à 14:10
kibira city

Noneko hagati yasatanu yijoro nasasita bawuca nikuberiki aho nimukayanza ukwiye gukwira igihugu cose ahubwo ndatangaye kumvako umuriro arimwinshi harinudusagara baIpfuza

24.01.2018 à 16:29
Mbonankira charles

Noneko hagati yasatanu yijoro nasasita bawuca nikuberiki aho nimukayanza ukwiye gukwira igihugu cose ahubwo ndatangaye kumvako umuriro arimwinshi harinudusagara baIpfuza

24.01.2018 à 16:29
Mbonankira charles

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.