IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > RUFYIRI: Harakenewe inyigisho ku bahinga baharira imigambi

RUFYIRI: Harakenewe inyigisho ku bahinga baharira imigambi

vendredi 12 Rusama 2017

Kubwa Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME abarongoye igihugu bategerezwa gutegura imigambi yanditse bakayijana mu gihugu c’Ubushinwa, bagasaba ico gihugu gufasha ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi kugira igihugu ntikigume mu bukene.

Gabriel RUFYIRI amenyesha kandi ko hakenewe gutangwa inyigisho ku bahinga boharira ku masezerano, kuko gushika ubu hagenda abakozi ba Reta basanzwe kandi badashobora guharira ku migambi yateguwe.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME arangiza amenyesha ko urugendo rw’icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, atari rwo rwotuma bavuga ko ibintu vyifashe neza mu Burundi.

Gabriel RUFYIRI amenyesha ko hakewe ibiganiro vy’ukuri kandi birimwo ugushaka vyotorera inyishu ibibazo vya politike biri mu gihugu, kuko imigambi y’iterambere idashoboka mu gihe ibintu bitifashe neza mu gihugu.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.