Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > RUFYIRI: Harakenewe inyigisho ku bahinga baharira imigambi
RUFYIRI: Harakenewe inyigisho ku bahinga baharira imigambi
vendredi 12 Rusama 2017
Kubwa Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME abarongoye igihugu bategerezwa gutegura imigambi yanditse bakayijana mu gihugu c’Ubushinwa, bagasaba ico gihugu gufasha ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi kugira igihugu ntikigume mu bukene.
Gabriel RUFYIRI amenyesha kandi ko hakenewe gutangwa inyigisho ku bahinga boharira ku masezerano, kuko gushika ubu hagenda abakozi ba Reta basanzwe kandi badashobora guharira ku migambi yateguwe.
Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME arangiza amenyesha ko urugendo rw’icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, atari rwo rwotuma bavuga ko ibintu vyifashe neza mu Burundi.
Gabriel RUFYIRI amenyesha ko hakewe ibiganiro vy’ukuri kandi birimwo ugushaka vyotorera inyishu ibibazo vya politike biri mu gihugu, kuko imigambi y’iterambere idashoboka mu gihe ibintu bitifashe neza mu gihugu.
Messages
13 Rusama 2017, 11:01, par Karahari
Ubushinwa ntaco bumarira uburundi yemwe rufyiri yavuga nuko atumvigwa