IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > RWASA Agathon yiyandikishije mu bazokwigisha gutora "EGO" canke (...)

RWASA Agathon yiyandikishije mu bazokwigisha gutora "EGO" canke "OYA"

jeudi 29 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Ku cicaro c’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye CENI yabanje gusigurira Rwasa Agathon ko ikiringo c’iyandikwa kizohera igenekerezo rya 06 Ndamukiza 2018, kandi ko urutonde rw’abazohagarikira amatoro mu migambwe canke mu nani ruzotangwa kuva igenekerezo rya 15 Ndamukiza gushika igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018.

Yasiguye kandi ko abahagarikizi bari imirwi ibiri : abahagarikizi bo ku mitumba n’abahagarikizi bo ku rwego rw’igihugu.

Agathon RWASA yashikirije ko kwiyandikisha ari ibwirizwa kugira umuntu agire ico avuze ku bijanye n’ihinyanyurrwa ry’ibwirizwa shingiro Reta yipfuje ko abanyagihugu bemeza canke bagahakana, kandi ko nihagera ikiringo co kwigisha abanywanyi uko bazotora ntibazofatwe nk’ivyaduka.

RWASA yashikirije kandi ko ata mikenyuro ikenewe kugira azoshikire abanywanyi biwe bugingo azoba abirekuriwe n’amategeko. Avuga ko abashaka kuzibira abandi ari ukudatahura neza ingendo ya demokarasi.

Ku bijanye n’impinyanyuro ry’ibwirizwa shingiro, yashikirije ko hariho ingingo zimwe zimwe zisubiza inyuma demokarasi zirimwo ibintu vyo gukumira.

Agathon RWASA yashikirije ko muri EGO na OYA, ko ata nyishu iri hagati na hagati ibamwo, ko hariho ivyo bahinyura n’ivyo babona ko vyoba ari vyiza, ko ibizosumvya uburemere ibindi arivyo bazohitamwo.


Callixte NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.