IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’uburundi ntiyemera impungenge zashikirijwe ku matora y’ibwirizwa (...)

Reta y’uburundi ntiyemera impungenge zashikirijwe ku matora y’ibwirizwa nshingiro

vendredi 25 mai 2018

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umuvigizi wa Reta y’Uburundi akaba n’umunyamabanga mukuru wayo Firipo NZOBONARIBA, amenyesha ko amatangazo yagiye arasohorwa, babona ko yahamagira abakora ibikorwa vy’iterabwoba kugira babibe urwanko mu Barundi bituma bagaba igitero mu Ruhagarika cahitanye ubuzima bw’abanyagihugu atacobazira imbere yuko amatora aba.

Philippe Nzobonariba amenyesha ko ayo majambo yashikirijwe yatumye abanyeporitike bamwe bayitwaza kugira bace inkokora abarundi, gutyo igikorwa c’amatora y’ibwirizwa nshingiro gihagarare ndetse n’ibindi bikorwa vyo k’umugabane ntibishobore gutunganywa hano mu gihugu nk’inama ya COMESA yaritegekanijwe mu kwezi kwa Ruheshi kandi imyiteguro isa niyaheze.

Uwo munyabanga akaba n’umuvugizi wa Reta, ashikiriza ko amakungu atigeze yiyamiriza canke atera ivyatsi ubwo bwicanyi bwakozwe n’abakora ibikorwa vy’iterabwoba nkuko babikora ahandi.

Muri ryo tangazo,Reta y’Uburundi yibutsa ko ibwirizwa nshingiro mu gihugu c’Uburundi vyerekana ko igihugu gifise ubwigenge hamwe no gushira aho abanyagihugu baba bashatse.

Kubw’ivyo,Firipo NZOBONARIBA avuga ko kubona amatora yitabwe n’abanyagihugu benshi ,umugambwe uri k’ubutegetsi ,imigambwe itavugarumwe na Reta,inani z’imigambwe vyerekana ko abarundi bari biteguriye ayo matora kubwivyo amakenga yerekanywe naba canke bariya ata shingiro yarafise ariko vyaribishingiye ku nyungu za bamwe.

Reta y’Uburundi iheraheza isaba amakungu gushigikira abarundi mu nzira baheruka kwitorera, abanyagihugu nabo ikabasaba kudandanya ibikorwa vy’iterambere mu kwitegurira amatora yo mu mwaka wa 2020.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Leta yacu nta kintu na kimwe yigera yemera.Uwugifise azokitubwire.
    Ivyo kwigenga biri kure nk ukwezi ngira twahinduye aba coloni gusa. Nuko ubu duloronizwa n abataco badufasha gusa

  • ABASENYERI BOSE BA KIRIZIYA GATORIKA MUBURUNDI NIBO BONYINE, BATINYUTSE KUVUGA UKURI ABANDI BOSE NABANYABWOBA

  • Ubu dukoronijwe n’abavukanyi !

  • nkahamwe mwosimbwa nakagomba mugatsindwa nihomwobonako ibwirizwa shingiro mwihimbiye rirambira kandi ricinyiza canke nkawewe urumuvugizi wa leta utakaza ikibanza mumwanya muto nuguhunga bikabamwo wibazako wogaruka ryari kagame yabigije nabi mugombakudutwara ducuramye muga muribukako turabene burundi ntantwaro ya cami twifuza nkiyo mugarukanye

  • Imana ishimwe kotwamaze kumenya kwamwe mwayomakungu nabimwe mubihugu vyavuga kobihangayikishizwe nokwitoza kwa Nkurunziza kokugerubu vyamaze kwibonekeza ko atariyongorane kuko turiko turabibobera mugutiki bagatora ikindi ! Abagiye kwandika ibitabo murizakaminuza kwisi bagiye kuzoronka iv

  • Ayo Matangazo Canke Ivyandiko Binegura Amatora Ya Kamarampaka,simeza.Abayasohora NinyankaBurundi.Barabe Ntibaducanishemwo Kandi Twari Twibaniye Neza.Aba Senyeri Nabo Nibareke Kugumura Abakristu.Twisengere Dukora.

  • Emutama,har umushingamateka twapfunganyw yaguy muga kosa ariko yitegurira kuburana aba mugusom amategeko ac asang ingingo imw irimw amahinyu avug ati :<non bano bantu bemej iyingingo bari bakomey ?>kuja kurab umwaka yemerejwemwo asanga yar umushingamateka...kandiyo ngingo yarimwamahinyu.namw murab ivyo mwahinyanyuy ntibizobaterany nimwaiindurirwa poste canke mugasezererwa kuko sitongo !murambabarir sintukanye ibuke n abenegihugu batobato

  • niko bamy kuk ico bashaka barabony ko ubu atakunt bodukoroniza.uko nukumaramara kwabo.abarundi turi maso twikorer kuk ntaco bgz badushkanako kandi badutwae umwanya muni

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.