Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rumonge:Abadandaza barashima umwimbu w’agatasi ko wagenze neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Rumonge:Abadandaza barashima umwimbu w’agatasi ko wagenze neza

Rumonge:Abadandaza barashima umwimbu w’agatasi ko wagenze neza

lundi 15 janvier 2018

Domithile NDUWIMANA asanzwe ari umudandaza w’ibiharage n’umuceri mw’isoko nkuru y’intara ya Rumonge yamenyesheje ko ibiciro vy’ibiharage n’umuceri vyagabanutse kuko iyo ivyo bifungurwa biva biboneka ko umwimbu wagenze neza.

Domithile NDUWIMANA ati :’’Ibiharage canke umuceri tudandaza sivyo turima hano mu Rumonge, ariko iyo biva nk’i Ngozi,i Gitega hamwe na Mabanda mu ntara ya Makamba biboneka ko umwimbu wagenze neza, kuko ibiciro vyagabanutse.’’

Ubu ibiharage vyitwa kirundo bigurwa amafaranga 900 kw’isoko nkuru ya Rumonge mu gihe vyahora bigurwa amafaranga 1300,ibiharage vyitwa kinure bigurwa amafaranga1100 mu gihe vyahora bigurwa amafaranga 1500, naho ivyitwa mbunduguru bimenyerewe kwitwa Jaune bigurwa 1300 mu gihe vyahora bigurwa amafaranga 1800.

Mwomenya ko n’umuceri bita w’umurundi wahora ugurwa amafaranga 2000 aho kw’isoko nkuru ya Rumonge ubu ugurwa amafaranga 1850.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.