Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubutungane
Rumonge : Abantu batatu bishwe mu gitero c’abitwaje ibirwanisho
Yanditswe taliki ya 11-10-2016 - isaha 13:14' na IGIHE

Abantu batatu bishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, muri zone Ruteme, komine Bugarama, mu ntara ya Rumonge. Abo bantu bagandaguwe n’abitwaje ibirwanisho batamenyekanye, babarashe mu gihe bari mu bunywero buri aho muri komine ya Bugarama.

Abishe abo bantu babanje gutera gerenade, baca barasa amasasu menshi cane berekeza ku bantu bariko bihereza ibinyobwa muri ubwo bunywero bwatewe.

Abantu batatu nibo bitavye Imana, abandi babiri barakomereka cane, nk’uko vyemezwa n’igiporisi mu Rumonge.

Abo bishwe ni Romuald Bigirimana, umuyobozi w’ishure shingiro rya zone Ruteme, akaba no mu nama mpanuzwajambo y’iyo komine ya Bugarama, kw’izina ry’umugambwe CNDD FDD yatowemwo.

Abandi bishwe ni Grégoire Havyarimana hamwe na Edouard Sindatunga, bompi bigisha kw’ishure shingiro rya Saga.

Abajejwe intwaro n’umutekano muri iyo komine bamenyesha ko abakoze ico gitero bataramenyekana.

Ivyiyumviro vyanyu

ambobicanye nikubavira hasi

16.10.2016 à 17:12
mbazumtima clovis

none uburundi ntamaho buzopfa burose imisiyose hama amatangazo yokwica bibukekoatawiremye twesetwaremwe nimana nibahebebisoner.

12.10.2016 à 22:58
nduwayo

Nininahazwe pacifique,uramabyi gusa,mbe kagame asigaye ari president wu Burundi !!!republika ya rwndarundi

12.10.2016 à 10:06
Mob

Ibi vyose biri ku gatwe ka Leta y’u Burundi

12.10.2016 à 07:59
Fnl

Nibabebihenda bakamenyekana maze bakibonerako.

11.10.2016 à 14:55
.

Nibafate izo mujeri bazice amabya nicyo kizikwiriye zo nase wazo kagame

11.10.2016 à 14:33
NININAHAZWE PACIFIQUE

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.