Incamake

Rumonge : Abanyororo 328 bararekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 mars 2018 saa 08:36
3420
0 0

Abanyororo 328 bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru mu ntara ya Rumonge, bararekuwe inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.

Abo banyororo barekuwe bagizwe n’abagore n’abagabo barekuwe inyuma y’ikigongwe catangajwe n’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2018, mw’ijambo yashikirije abarundi abipfuriza umwaka mushasha wa 2018.

Abanyororo barenga 2000 nibo vyitezwe ko bazorekurwa mu kigongwe c’umukuru w’igihugu, mu mabohero atandukanye ari mu gihugu.

Mu gihe ibohero rikuru rya Rumonge ryari ryateguriwe kwakira abanyororo 800, inyuma y’irekurwa ry’abarenga 300, ryaciye risigaramwo abanyororo 1022.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha