IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Umunyororo yapfiriye mw’ibohero ahitanwe n’ingwara

Rumonge : Umunyororo yapfiriye mw’ibohero ahitanwe n’ingwara

mercredi 25 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Michel HARINGANJI yahora apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rumonge yarwaye umunsi umwe, kuko yafashwe ku murango wo kuri uwu wa mbere, mw’ijoro aba aritavye Imana.

NTIRANDEKURA Jean Claude, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Rumonge amenyesha iryo bohero ryamaze gutumako umuryango wiwe kugira bashingurane iteka uwo munyororo.

Michel HARINGANJI w’imyaka irenga 50 yahora apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rumonge avuka mu ntara ya Muramvya. Yari apfunzwe yagirizwa ubusuma, akaba yari yaraciriwe urubanza.

JPEG - 8.5 ko
Ubwinjiriro bw’ibohero rikuru rya Rumonge

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.