IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ruyigi : Bimwe mu vyimburwa vyankiwe gusubira gusohoka intara

Ruyigi : Bimwe mu vyimburwa vyankiwe gusubira gusohoka intara

vendredi 10 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Buramatari w’intara ya Ruyigi yafashe ingingo y’ukubuza abadandaza gusubira gusohokana bimwe mu vyimburwa vyo muri iyo ntara. Iyo ngingo ya Buramatara iravuga ivyimburwa bitarekuriwe gusohoka intara.

"Kuva ubu ibifungurwa bikurikira birabujijwe gupakirwa mu miduga birengana intara ya Ruyigi ata ruhusha bahawe n’ubutegetsi bw’intara.", uko niko biri mw’itangazo ryateweko umukono na Abdallah Hassan, Buramatari w’intara ya Ruyigi.

Ivyo vyimburwa vyafatiwe iyo ngingo ni : ibiharage, ubududu n’ifu yabwo, umuceri hamwe n’itomate.

Muri iryo tangazo, Buramatari w’intara ya Ruyigi ntavuga ariko igituma yafashe iyo ngingo.

Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko iyo ngingo yoba yetewe n’iduga ry’ibiciro vy’ivyo vyimburwa vyakenye muri iyo ntara kubera abadandaza bo mu zindi ntara baza kubirangura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.