IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Imiryango 900 yo ku Muyange yiyamirije ingingo ya sentare ibakura (...)

Ruyigi : Imiryango 900 yo ku Muyange yiyamirije ingingo ya sentare ibakura mw’itongo

mercredi 6 Nyakanga 2017

Umunsi wa mbere igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017 waranzwe n’imyiyerekano imbere y’ibiro vya Komine Butezi, aho abanyagihugu biyamiriza ingingo ya sentare nkuru y’intara ya Ruyigi ibakura mw’itongo rifise uburinganire bw’ibirometero kwadarato bibiri, baburana na Samuel NITAMPEBA.

Mu gihe sentare nkuru y’intara ya Ruyigi yasavye abanyagihugu bari mu miryango 900 bo ku mutumba Muyange,Zone Mubira, Komine Butezi, y’intara ya Ruyigi ko bokwitegurira kuva mw’itongo rya Samuel NTIRAMPEBA yatsindiye mu rubanza RC n°1/1988, bavuga ko badashobora kuhava kuko ari iwabo, ariho basekuru n’abavyeyi babo bavukiye.

Samuel NTIRAMPEBA avuga ko iryo tongo ari iryiwe kuva kw’igenekerezo rya 14 ukwezi kwa kabiri 1988 aho yatsinda urwao rubanza, sentare ntahinyuzwa ica isaba sentare nkuru y’intara ya Ruyigi kurushira mu ngiro kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa gatanu 2016.

Inyuma yo kumenyeshwa ingingo yo kuva muri iryo tongo, abanyagihugu bavuga ko iryo tongo ritigeze riba iry’umuryango wa Samuel NTIRAMPEBA, kuva kuri sekuru gushika kuri se wiwe.

Mu ntwaro muri komine Butezi basaba abanyagihugu gusubira muri iryo tongo,mu kurindira ko ingingo zitorera inyishu ico kibazo zifatwa, bakirinda kandi kwihanira.

Mw’itangazo rya sentare ntahinyuzwa ryo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Nyakanga 2017, umuvugizi w’iyo sentare Agnes BANGIRICENGE yamenyesheje ko muri sentare avugira bamaze kwumva ko ikurikizwa ry’urwo rubanza ryateye ibibazo.

Agnes BANGIRICENGE avugira sentare ntahinyuzwa amenyesha ko umukuru wa sentare ntahinyuzwa agiye gutorera umuti izo ngorane bidatevye.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Urworubanza rwabobantu rurateye amakenga cane gose, ntivyumvikana ingene imiryango 900 yojakuba mwitongo ryumuntu agacereza, hakagera aho barivyariramwo imiryango inganuko
    ivyo ntivyumvikana!
    ivyo twarabibonye ahabantu biyadukiza bagashingisha imanza zamatongo zibiryoma kandi bagatsinda, hatabaye abashingantahe bijambo nijunja iyo miryango yatewe kwitongo ryoyo idakingiwe irashobora kwangazwa muburyo nkubwo.
    Akarorero:
    Muntara ya Kayanza comine Gatara, umusozi migende, agacimbiri rushiha.
    Harigeze kwaduka umushingantahe yitwa Kinuma,
    yaraburanije uwitwa Budangara, yuko itongo Budangara abamwo ariryiwe, atanaho ryigeze riba, iryuwo Kinuma.
    Baraburanye mumuryango Budangara aratsinda kubera abashingantahe bokumutumba baribazi kwitongo ari irya Budangara.
    Kinuma yarunguruje urubanza muri Sentare yi ntango nawe acatsinda Budangara.
    Budangara nawe yaragaye urubanza ya ciriwe nasentare yi ntango, nawe yaciye yungururiza muri sentare Nkuru ya porovesi.
    Budangara yaratsizwe nuwo kinuma kubera yarumuntu yifise kumufuko icogihe, umushingantahe Budangara nubukene bwiwe, ntiyarambiwe yarituye sentare yi Bujumbura yitwa kwariyo nkuru.
    Ntivyatevye baraburanye, Kinuma yaramutsinze, aho harikumunota wanyuma wokwangara nibibondo mumugongo kwumushingantahe Budangara!.
    Budangara yahisemwo kwitura umushikiranganji wubutungane wicogihe, niwo musi yaciye akomorezwa itongo ryiwe babacamanza bamugajwe nibiturire baramaramara, kandi bacabategekwa kunguvu, kujagushikiriza Budagara itongo ryiwe izuba ryaka.
    Umuryango nababanyi baratamba baratarika, none rero iyomiryango 900 yo mu Ruyigi, abashingantahe bijunja bamize akabuye kabagabo, bakoruko bashoboye iyomiryango ntiyangazwe mumatongo yabo. murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.