IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Abanyororo 181 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu

Ruyigi : Abanyororo 181 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu

vendredi 2 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rwa Reta y’Uburundi, amenyesha ko muri abo banyororo barekuwe burundu, harimwo abagabo 174 hamwe n’abakenyezi 7.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko , muri abo banyororo barekuwe, bose imanza zabo zari zaraciwe, kandi ko batari barunguruje imanza z’abo mu zindi sentare.

Imbere y’ikingongwe c’umukuru w’igihugu, ibohero rikuru rya Ruyigi, ryahora ririmwo abanyororo baciriwe imanza 416, bagizwe n’abagabo 398 hamwe n’abagore 28.

Umukuru w’igihugu yatangaje ikigongwe ku banyororo, mw’ijambo yashikirije abarundi, mu ntumbero yo guhimbaza umwaka mushasha wa 2018 ; inyuma y’ico kigongwe bitegekanijwe ko abanyororo barenga 2000 bazorekurwa.


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.