Ruyigi : Abayoboke batatu ba Agathon RWASA barahagaritswe n’igiporisi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 3 novembre 2017 saa 12:58
Yasomwe : 6867
0 0

Abanywanyi batatu b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA mu ntara ya Ruyigi barahagaritswe n’igiporisi inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 2 Munyonyo 2017, bagirizwa kugira inama itemewe n’amategeko.

Amakuru ava mu burongozi bw’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Ruyigi amenyesha ko abo bafashwe bafatiwe ku mitumba ya Nzozi na Rushwahunga iri muri komine ya Bweru y’intara ya Ruyigi.

Ayo makuru nyene amenyesha ko bafashwe inyuma y’isakwa ryakozwe mu ngo zabo , mu nyuma baca bajanwa mu gasho ka komisariya y’igiporisi mu ntara ya Ruyigi.

Mu burongozi bw’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bamenyesha ko abahagaritswe ata kindi bariko barazira atari imvo za poritike , bagasaba ko barekurwa kuko ata caha na kimwe kibagira.

Umushingamateka yatowe mu ntara ya Ruyigi mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi Pascal BIZUMUREMYI avuga ko ataco bazira, ariko ko abo bayoboka umushingamateka Agathon RWASA bahagarikwa mu ntumbero yo kubabuza urubuga rwa poritike.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha