IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Umwigisha yahagaritswe yagirizwa kwigisha gutora ’’OYA’’

Ruyigi : Umwigisha yahagaritswe yagirizwa kwigisha gutora ’’OYA’’

mardi 13 mars 2018

Uwo mwigisha azwi kw’ izina rya Joachim NAYABAGABO yahagaritswe n’abajejwe umutekano, mu gihe yariko arigisha, aca ajanwa uwo mwanya mu gasho ka komine Bweru.

Amakuru ava mu burongozi bw’abayoboka umushingamateka RWASA Agathon, bemeza ko uwo mwigisha ari umunyanyi wabo, kandi ko ata kindi ariko arazira atari ivyiyumviro vyiwe vya poritike.

Umushingamateka Pascal BIZUMUREMYI, arongoye FNL igizwe n’abayoboka umushingamateka Agathon RWASA asaba ko Joachim NAYABAGABO arekurwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.