Sendika S.L.T.R isaba ko isoko yo kugura ibiharura umuyagankuba wakoreshejwe ihagarikwa

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 29 mai 2018 saa 11:07
6840
0 0

Isendika y’abakozi bo mw’ishirahamwe REGIDESO S.L.T.R (Le Syndicat libre des Travailleurs de la REGIDESO) risaba umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe guhagarika isoko ryatanzwe ryo kugura ibikoresho biharura umuyagankuba wakoreshejwe « Compteurs » zishika 1500.

Mw’ikete inomero 1/S.L.TR/2018 ryo ku wa 28 Rusama 2018 iyo sendika yandikiye umuyobozi wa REGIDESO,bamenyesha ko isoko yatanzwe DNCMP/428/F/2017 irimwo utunenge twinshi kandi ritaciye mu muco.
Abo bahurikiye muri sendika S.L.T.R bavuga ko, kubera utwo tunenge, arico gituma basavye ko iryo soko rihagarikwa, ku nyungu z’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO.

Abakozi bahurikiye muri sendika S.L.T.R, muri iryo kete, barangiza basaba ko hoshingwa umurwi ataho uhengamiye ujejwe kwiga neza uko iryo soko ryotunganywa.


Kumenyekanisha

1
Busurahende 30-05-2018 à 10:06

Niyaba ahagarikiwe n’ingwe mugani wa wundi mwibaza ko iyo syndicat imwiyamiriza ko hari ico bizohindura ?

2
Ntacontemanga ! 29-05-2018 à 12:04

Ndabashigikiye mugabo ;ntacizere !komerakumuheto !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha