IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare nkuru ya Bujumbura yasomye urubanza rwa Melchiade NZOPFABARUSHE

Sentare nkuru ya Bujumbura yasomye urubanza rwa Melchiade NZOPFABARUSHE

lundi 30 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu rubanza rwamaze amasaha ane mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Melchiade NZOPFABARUSHE yagirijwe ko kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018, muri komine ya Kabezi, yashikirije amajambo arimwo ivyo vyaha yagirizwa. Ayo majambo yayashikirije abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bari mu nama uwo Melchiade NZOPFABARUSHE yari yatumiwemwo.

Nk’uko biri mu majwi yumvishijwe abacamanza hamwe n’abari bariko barakurikirana urwo rubanza, Melchiade NZOPFABARUSHE yabwiye abariko baramwumviriza kw’isoko iri ku musozi wa Migera, komine Kabezi ati :

"Hakaba hari umukeba azigisha ibitajanye n’ivyo igihugu kirondera, twebwe ntituri kumwe. Turamukaravye. N’ubwato twarabukoresheje, tuzoshira muri Karonga, tumanurire mw’i Tanganyika bace bigira iyo bashaka. Na kare amafi yari yabuze muri aya mazi yacu. Tuzobashiramwo bigire muri Congo n’amaguru. Mu gihugu cose, mw’ikomine yose. Uwuhagarariwe n’ingwe aravoma. Umugambwe CNDD FDD ni umugambwe upanze mwarabonye ingene vyagenze."

Imbere y’abacamanza, mu bigo vy’ibohero rikuru rya Mpimba, uwagirizwa ico caha ntiyahakanye ko ariwe yashkirije ayo majambo, ariko amenyesha ko ata ntumbero y’ubugizi bwa nabi canke ubwicanyi yoba yari afise. Yamenyesheje kandi ko ivyo yashikirije atawari yabimutumye, ko hari ku gatwe kiwe.

Umushikirizamanza mukuru yamusabiye kuri ivyo vyaha vyose yagirizwa umunyororo w’imyaka itandatu hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana atatu.

Inyuma y’umwiherero yamaze nk’iminota mirongo itatu, Sentare nkuru ya Bujumbura yamuciriye umunyororo w’imyaka itatu.

Umushingwamanza Alexandre NDIKUMANA, aburanira Melchiade NZOPFABARUSHE amenyesha ko atashimye urubanza rwaciriwe uwo aburanira, akavuga ko agiye kwunguruza.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Kubayemeye icaha nivyiza ariko kwumguruza kwuwomushingwamaza bimaziki?kubayemeye yemeyenibizokurikira napfungwe

  • yemwe napfugwe kuko yarakoze amakosa kandi yaraducafurije umugbwe abo nibamwe bajaba .

  • kuba yemeye icaha nivyiza cane,hama niyemere apfungwe.

  • Iyo ni mitwe DD turayizi,uwo uno musi tuza guhurira muri ville.

  • NDASHIMYE IYONGINGO YUWO MUCAMANZA MURI C D D_F D D NTIGWITAHA NABANDI BAVUGA UMUGAMBWE UKUTARIKO NIBAHANYWE

  • Uwahamagariye abantu kwicanaa apfungwe imyaka itatu, uwagiye mu myiyerekano apfungwe imyaka 32!
    Ewe wa Butungane!
    Mbega kuva 15/4 gushika ubu abo bamufatishije bari bakimurondera? Ko abandi bafatwa bacikekwako bazotora OYA gusa?

  • c’est une préparation du génocide en cours , soyez vigilant sinon c’est le chaos !!
    Never again genocide

  • Ah’ubwo bari kumucira ihadabu y’imiriyoni zitatu mugabo hanyuma bakamureka agataha i muhira. None mu mpimba azoba yungukira iki igihugu? Bamuretse akabandanya imirimo yiwe yogira ico yimarira akongera akakimarira igihugu. Butungane bwacu, gerageze muce imanza zigirira akamaro igihugu na benegihugu! Mureke izizingamika abenegihugu n’igihugu!

  • umwana wumurundi yababuriye murabe mwunva , abamufunze baramuhora ubusa nuko yabavuyemo. habwirwa benshi hakunva beneyo

  • Gahanga wishwe n’iki! n’ishwe n’urwabagabo mugabo wewe uzozira akarimi kawe

  • Azize ko yamernye ibanga

  • Ewe ba DD muratangaje. Melchiade mumuhoye ubusa, ayo majambo avuze, hari abandi bayavuze ataco bikoma. Reveriano Ndikuriyo ati "kora" bisigura kwica abantu. Ngo azoce atanga parcelles, ubu arahangamye. Melchiade kuko yavuze ubutumwa yarungikanywe muramukaravye ese mwobikora kuri bose, Ariko ico nzi abo bica, bakokeza, bakora n’ayandi mabi bazovyishura bitebe bitebuke.

  • Nta Mugabo Adacibwamwo,yatwawe Nibishobisho Vyinshi.Nibamureke Yidegemvye,hama Bamucire Ihadabu Ryamafaranga Ariha Mukigega Ca Leta.Kuk Kumupfunga,aja Kurya Ivya Leta Mumpimba,atariko Aratezimbere Igihugu.

  • ivyo merkiade azize ubusa kuko abacamanza murakwiye gukora mudakorera kugicure numugambwe

  • @Pasco
    Ah’ubwo na amende yomugora; bari bakwiye kumucira gukora ibikorwa vy’ingirakamaro kuri bose (travaux d’intérêt général) vy’umwaka, bikazomufasha kwihweza neza amakosa yakoze kugira ntaze ayasubire, mbere n’abandi bahabonere n’akarorero.
    Nayo uwo muntu yiyita Izoduhorera Yvan avuga ivy’atazi mu kuvuga ko abishe bose baronka igihano.
    Raba abahekuye uburundi kuva bw’ikukira gushika n’ubu, ninde arabarya n’ikinuma?

  • Leon mugesera number 2 yabonetse. ati:tuzabanyuza muri nyabarongo mpaka ethiopia!!!!!!!!kandi byarashitse.

  • Wamugabo genduwukor(gahanga wishw niki?...)ham uzoc utor ingingo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.