Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare ntahinyuzwa yemeje ipfungwa ry’uwahora arongoye sentare isubiramwo (...)
Sentare ntahinyuzwa yemeje ipfungwa ry’uwahora arongoye sentare isubiramwo imanza i Gitega
vendredi 20 avril 2018
Thomas NTIMPIRANGEZA yafashwe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, akaba yagirizwa ko yanyuruje isima yari yatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, kugira ikoreshwe mu kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru mu ntara ya Karusi.
Ayandi makuru yavuga ko, Thomas NTIMPIRANGEZA yahagaritswe yagirizwa kurya igiturire mu rubanza rw’abagirizwa kunyuruza isima yari igenewe kwubaka ikibuga c’inkino mu ntara ya Karusi.
Uwo yahoze ari umukuru wa Sentare isubiramwo imanza ya Gitega akaba yaheruka gusubirizwa, inyuma yaho kuwa mbere igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2018, inama nkenguzamateka yemereje uwugiye kumusubirira.
Thomas NTIMPIRANGEZA, ubu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura.

MUGISHA Van Naris
Messages
20 avril 2018, 11:36, par Busurahende
Kunyuruza (ibiki /abaki ?) ntibikiri icaha mu Burundi nyomba ari ikindi bamuhora :
Naranyuruje, waranyuruje, yaranyuruje, twaranyuruje, mwaranyurujwe, baranyuruje. Alleluia, Amen.