Tecno yabazaniye utundi tuganuke

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er Mukakaro 2017 saa 02:51
Yasomwe : 6651
0 0

Tecno Mobile yabazaniye utuganuke mutari mwiteze mw’ihayanishwa gurishwa ryatunganijwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji ririko ribera ku kibuga Tempete,muri quartier Asiatique mu gisagara ca Bujumbura.

Utwo tuganuke tugizwe n’inkofero za Tecno, Amasakoshi bambara mu mugongo atangwa na Tecno iri kumwe n’umurwi w’umupira w’amaguru mu Bwongereza Manchester City,agacupa ko gutwaramwo amazi uri ku rugendo, hamwe n’aca gikoresho ukoresha mu kwifotora bitakugoye.

Utwo tuganuke umuntu aturonka aruko aguze terephone ngendanwa yo mu bwoko bwa Tecnno ubwaribwo bwose buriko budandarizwa muri iryo hayanishwa gurishwa.

Ibishasha si ivyo gusa,kuko muri iryo hayanishwa gurishwa Tecno Mobile yabagabanirije ibiciro kuri telephone yose uguze; terephone yose uguze ya Techno bagabanijeko amafaranga 10000 vy’amarundi,ku mafaranga zahora zigurwa.

Akabirya rero, no kuri ya terefone ngendanwa Camon CXAir akarusho karabandanya,uyiguriye muri iryo hayanishwa gurishwa.

Iryo hayanishwa gurishwa ryatanguye kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017, rizorangira kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha