Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Toyota Burundi yashize ahabona ubwoko bushasha bw’imodoka
Toyota Burundi yashize ahabona ubwoko bushasha bw’imodoka
samedi 7 Gitugutu 2017
Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi wa Toyota Burundi yamenyesheje abari mu kibanza cabereyemwo ivyo birori, akaba ari naho hasanzwe hakorera ishirahamwe Toyota Burundi ko izo modoka zifise ubwiza ku mpande zitandukanye.
- Umuyobozi mukuru wa Toyota Burundi
Umuyobozi wa Toyota Burundi yamenyesheje ko guhera ku bibanza vyo kwicaramwo gushika no ku buryo izo modoka zikozwemwo vyose vyorohereza abazikoresha ibituma mbere izo modoka zimaze kugurwa kandi zirakoreshwa no mu bindi bihugu.
Ku modoka yo mu bwoko bwa Toyota Avanza, umuyobozi wa Toyota Burundi yavuze ko iyo modoka ishobora kugenda neza haba mu gisagara canke mu gihugu hagati, ikaba itwara abantu indwi.
- Imodoka yo mu bwoko bwa Avanza
Ku bijanye n’igitoro ikoresha, umuyobozi wa Toyota Burundi avuga ko iyo modoka ikoresha igitoro gike kuko ku birometero 15 iba ikoresheje iritiro imwe gusa y’igitoro co mu bwoko bwa essence.
Ku modoka Jeep Mahindra Quanto, umuyobozi wa Toyota Burundi amenyesha ko ata tandukaniro rinini rihari uretse ko iyo modoka yoyo ikoresha igitoro co mu bwoko bw’amazutu.
- Imodoka Mahindra Quato
Iyo modoka yoyo ishobora gutwara abantu batanu, ikanwa iritiro imwe y’amazutu ku birometero 18.
Imodoka ya nyuma yerekanywe ni Mahindra Scorpio pik up ifise ibibanza bine vyo kwicaramwo n’ikibanza c’inyuma gitwara imizigo.
Umuyobozi wa Toyota Burundi amenyesha ko iyo modoka ifise ico itandukaniyeko n’izindi kuko ishobora kugendera no mu misozi canke ahantu hashaya ata kibazo kuko ifise ubuhinga bwo kugendera ahameze ukwo.
- Mahindra Pik UP
Umuyobozi wa Toyota Burundi avuga ko Mahindra Scorpio pik up nayo ikoresha igitoro co mu bwoko bwa mazutu.
Kakaba kabaye n’akaryo ko kwerekana ibiciro bishasha birimwo akarusho, aho ku modoka Toyota yahora igurwa 49 500 000 yashizwe ku mafaranga 32 500 000, imodoka Mahindra Quanto yahora ku mafaranga 45 000 000 yagiye ku mafaranga
29 000 000, imodoka Mahindra Scorpio yahora ku mafaranga 56 500 000 igurishwa ubu 37 000 000 .
Mwomenya ko uguze imodoka muri Toyota Burundi bayigukurikiranira kuko basanzwe bafise n’ububiko bw’ivyuma vyo gusubiriza.



MUGISHA Van Naris