IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > ’’Tuzogerageza ’’Made in Burundi’’ ironswe ishusho nziza n’agaciro’’-SENTORE

’’Tuzogerageza ’’Made in Burundi’’ ironswe ishusho nziza n’agaciro’’-SENTORE

vendredi 12 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2018, Leonard SENTORE arongoye ikigo API amenyesha ko mu mwaka wa 2017,hashoboye gushingwa amashirahamwe 2289, ategekanya gutanga ubuzi 19410.
Leonard SENTORE amenyesha kandi ko, mu mwaka wa 2017,ikigo API cabandanije kwakira amadosiye y’amashirahamwe yasavye kuronswa uburusho butangwa n’itegeko rigenga abanyamitahe,ayo nayo akaba afise umutahe w’imiriyaridi zababa 200, agategekanya gutanga ubuzi 2777.

Umuyobozi w’ikigo API amenyesha ko mu ntumbero yo guteza imbere abanyamitahe no guha agaciro ibihingurirwa mu Burundi canke ibishorwa hanze, ikigo API carateguye agatabu-ndongozi kagenga imitahe, karimwo amakuru ajanye n’ubutunzi bw’igihugu hamwe n’agatabu-ndongozi kagenga uwushorera hanze y’igihugu kereka abashorera hanze ibikenewe mu rudandazwa njabukamazi.

Naho ibitari bike vyaranguwe mu mwaka wa 2017, ikigo API gitegekanya gukora n’ibindi muri uyu mwaka wa 2018. Muri ivyo, umuyobozi w’ikigo API avuga ko bazokwisunga ibikorwa vyo guteza imbere abanyamitahe bo ku rugero rwo mu gihugu hagati, gushika ku rugero mpuzamakungu.

Leonard SENTORE avuga ko batazokwibagira no guteza imbere ibihingurirwa mu Burundi,kugira bironswe ishusho nziza.

’’Ibihingurwa mu Burundi tuzogerageza uko dushoboye bironswe ishusho nziza n’agaciro. Tuzoraba ingene ivyiza Uburundi bufise bisesangurwa vyongere bikoreshwe kugira ibisata nyamukuru bimenyekanishwe vyongere bihurumbirwe.’’

Naho intambwe ikigo API gishitseko gishimwa n’ubuyobozi, Leonard SENTORE avuga ko intambayi zozo zitabuze mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi baba bihaye kurangura, aha akavuga nk’uburyo bw’amafaranga budakwiye.

Leonard SENTORE arongoye ikigo API agasaba Reta y’Uburundi kubandanya ishigikira ikigo arongoye cane cane mu kukironsa uburyo bukwiye bwo kurangura imigambi mu mwaka wa 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • hhhhhh, burundi bwacu ?!! murazi gukopera peers muhebe muze mwigire ku Rwanda uko Made Rwanda ikorwa ubu twacitse kuri caguwa turambara imyenda ni inkweto byacu turanywa jus zacu nibindi byinshi muzaze tubahe amasomo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.