Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Uburundi bwakiriye inama igira 14 y’ishirahamwe ry’abahuza muri Afirika « (...)
Uburundi bwakiriye inama igira 14 y’ishirahamwe ry’abahuza muri Afirika « AOMA »
Thursday 12 July 2018, by
Umuhuza w’Uburundi Edouard NDUWIMANA mw’ijambo ryiwe ryo kugurura iyo nama yamenyesheje ko naho ishirahamwe ryabo ryaciye mu bibazo bijanye n’ubutunzi,urwego rw’umuhuza w’i Burundi ruzotanga intererano yarwo mu ntumbero yo gutorera umuti ivyo bibazo kugira ishirahamwe ry’abo rije k’urugero rw’ayandi mashirahamwe yo mu karere.
Edouard NDUWIMANA yijeje ko ikizova muriyo nama kizofasha kugira ibibazo nyamukuru vy’ishirahamwe bitorerwe umuti.
Ibihugu vyitavye iyo nama ni Djibouti,Sudani,Angola,Cote d’Ivoire,Lesotho,Afirika y’Epfo,Kenya,Zambiya,Tanzaniya,Madagascar,Etiypiya ,Malawi hamwe n’Uburundi.
Iyo nama itegekanijwe kumara umusi umwe igahera uno musi nta bamenyeshamkuru bemerewe kuyikwirikirana.



Vianney BIKORIMANA