Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwashinze ibiciro bishasha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwashinze ibiciro bishasha (...)

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwashinze ibiciro bishasha vy’igitoro

vendredi 19 janvier 2018

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umushikiranganji w’ubutare n’agataka Come MANIRAKIZA, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko igitoro co mu bwoko bwa Esanse kigiye kugurishwa amafaranga 2250 y’amarundi kw’iritiro, Amazutu agurishwe amafaranga 2250 y’amarundi kw’iritio nyene, mu gihe igitoro co mu bwoko bwa Peterori kizogurishwa amafaranga 2000 vy’amarundi kw’iritiro.

Muri iryo tangazo, umushikiranganji w ;’amasoko ntanganguvu amenyesha ko ibiciro vy’igitoro bidugijwe bisunze ko amafaranga y’Uburundi yataye agaciro bafatiye kw’idorare ry’abanyamerika,bafatiye kandi ku giciro c’igitoro kw’isoko mpuzamakungu.

Iryo tangazo rimenyesha ko ingingo yo kuduza ibiciro izotangura gushirwa mu ngiro, kuva kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Nzero 2018.

Igitoro co mu bwoko bwa Esanse cahora kigurishwa amafaranga 2100, Amazutu yagurishwa 2200.

Ibiciro vy’igitoro bidugijwe, mu gihe hari haheze iminsi hibonekeza mbere ahandi hakavugwa ubukene bwaco, haba mu gisagara ca Bujumbura, canke mu ntara zo hagati mu gihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ha ! Abarundi ivyokudugirizwa iviciro bari bavyiteze kuko imirongo ku ma station y’ibitoro yari nk’imburi kubagengesha amamodoka n’abipakiza. None ko tutoguma mu hira, nibakizane kizimbe ariko kihari kuko ubu kwipakiza bisigaye ari ingorane urabura nuwo kujana ngo ushike iyo uja udacerewe.

  • Asha mbona nino mumahanga caradugijwe .uretse ko bidasa niburundi kiduzwa kikobgera ntikiboneke .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.