Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwashinze ibiciro bishasha (...)
Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwashinze ibiciro bishasha vy’igitoro
vendredi 19 janvier 2018
Mw’itangazo ryateweko umukono n’umushikiranganji w’ubutare n’agataka Come MANIRAKIZA, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko igitoro co mu bwoko bwa Esanse kigiye kugurishwa amafaranga 2250 y’amarundi kw’iritiro, Amazutu agurishwe amafaranga 2250 y’amarundi kw’iritio nyene, mu gihe igitoro co mu bwoko bwa Peterori kizogurishwa amafaranga 2000 vy’amarundi kw’iritiro.
Muri iryo tangazo, umushikiranganji w ;’amasoko ntanganguvu amenyesha ko ibiciro vy’igitoro bidugijwe bisunze ko amafaranga y’Uburundi yataye agaciro bafatiye kw’idorare ry’abanyamerika,bafatiye kandi ku giciro c’igitoro kw’isoko mpuzamakungu.
Iryo tangazo rimenyesha ko ingingo yo kuduza ibiciro izotangura gushirwa mu ngiro, kuva kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Nzero 2018.
Igitoro co mu bwoko bwa Esanse cahora kigurishwa amafaranga 2100, Amazutu yagurishwa 2200.
Ibiciro vy’igitoro bidugijwe, mu gihe hari haheze iminsi hibonekeza mbere ahandi hakavugwa ubukene bwaco, haba mu gisagara ca Bujumbura, canke mu ntara zo hagati mu gihugu.
MUGISHA Van Naris
Messages
19 janvier 2018, 13:06, par bede ntwarane
Ha ! Abarundi ivyokudugirizwa iviciro bari bavyiteze kuko imirongo ku ma station y’ibitoro yari nk’imburi kubagengesha amamodoka n’abipakiza. None ko tutoguma mu hira, nibakizane kizimbe ariko kihari kuko ubu kwipakiza bisigaye ari ingorane urabura nuwo kujana ngo ushike iyo uja udacerewe.
19 janvier 2018, 20:59, par Abdiilah
Asha mbona nino mumahanga caradugijwe .uretse ko bidasa niburundi kiduzwa kikobgera ntikiboneke .