Ubushikiranganji bw’ubutungane bwagabishije abacamanza barya ibiturire

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 29 mai 2018 saa 08:37
7215
0 0

Ubushikiranganji bw’ubutungane no kubika ikimangu ca Reta buragabisha abacamanza barya ibiturire ko ibihano bikomeye bigiye gufatwa. Umuyobozi mukuru ajejwe iringanizwa ry’ubutungane muri ubwo bushikiranganji, Nestor KAYOBERA, amenyesha ko abacamanza batari bake bamaze gukurwa mukazi kubera ukurya igiturire.

Nestor KAYOBERA avuga ko, mu gihe hagiye gutanguzwa isekeza ry’ishirwa mu nzira ry’imanza, bahisemwo kugabisha abacamanza, kuko hari imyifato mishasha yo kurya igiturire yibonekeza mu gisata c’ubucamanza.

Umuyobozi mukuru ajejwe iringanizwa ry’ubutungane mu bushikiranganji bw’ubutungane, avuga ko abacamanza 21 bamaze kwirukanwa mu kazi, kubera ukurya igiturire, hakaba n’abandi bapfunzwe mu mabohero atandukanye, harimwo n’abashashe mu rubanza rumwe bose bapfunzwe kubera igiturire.

Nestor KAYOBERA, avuga ko ubu ico abarundi bakeneye, ari ubutungane bukora neza, butunganiriza bose, kandi ataho buhengamiye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha